BE MASO! No 1 2022 | Isi yuzuyemwo ingorane: Uko wovyifatamwo

Kubera ko ingorane muri iyi si zitera ziyongera, benshi muri twebwe bariko barashikirwa n’ingaruka zibabaje ziva ku biza n’isibe be n’ingorane abantu batera. Raba ingene wovyifatamwo muri izo ngorane n’ingene wokwikingira ugakingira n’abawe.

 

Isi yuzuyemwo ingorane: Wovyifatamwo gute?

Ushikiwe n’icago, nugire ico ukoze ata gufyina kugira wikingire wongere ukingire umuryango wawe.

ISI YUZUYEMWO INGORANE

1 | Nukingire amagara yawe

Igihe ukingira neza amagara yawe, biratuma ushobora kuvyifatamwo neza mu bihe bitesha umutwe.

ISI YUZUYEMWO INGORANE

2 | Nukingire akazi ukora

Nimba uzi gukoresha neza amahera, uzoshobora kuvyifatamwo neza mu gihe c’ubukene.

ISI YUZUYEMWO INGORANE

3 | Nukingire ubucuti ufitaniye n’abandi

Raba impanuro ngirakamaro zogufasha gukingira umubano wawe, abana bawe n’ubucuti ufitaniye n’abandi.

ISI YUZUYEMWO INGORANE

4 | Nukingire icizigiro cawe

Bibiliya iradufasha kwihanganira ingorane zidushikira, ikaduha n’icizigiro ca kazoza.

Ibiri muri iki kinyamakuru

Nusome ibiganiro vyogufasha n’umuryango wawe kwihanganira ingorane ziriko zirashikira abantu.