Zaburi 99:1-9

  • Yehova, Umwami mweranda

    • Yicaye ku ntebe y’ubwami hejuru y’abakerubi (1)

    • Imana itanga imbabazi n’igihano (8)

99  Yehova abaye Umwami+. Amahanga najugumire. Yicaye ku ntebe y’ubwami hejuru* y’abakerubi+. Isi ninyiganyige.   Yehova arahambaye i Siyoni,kandi ari hejuru cane y’amahanga yose+.   Nibashemeze izina ryawe rihambaye+,kuko riteye ubwoba kandi rikaba ari ryeranda.   Ni umwami akomeye akunda ubutungane+. Waratsimbataje ubugororotsi. Wazaniye ubutungane n’ubugororotsi+ abakomoka kuri Yakobo.   Nimuhayagize Yehova Imana yacu+, mwuname* imbere y’intebe y’ibirenge vyiwe+.Ni mweranda+.   Musa na Aroni bari mu baherezi biwe+,Samweli na we yari mu bambaza izina ryiwe+. Barambaza Yehova,na we akabishura+.   Yavuganira na bo mu nkingi y’igicu+. Baragumije ivyibutswa vyiwe n’amategeko yabahaye+.   Ewe Yehova Mana yacu, warabishura+. Wababereye Imana itanga imbabazi+,ariko warabahana* kubera ibicumuro vyabo+.   Nimuhayagize Yehova Imana yacu+,mumwunamire* ku musozi wiwe mweranda+,kuko Yehova Imana yacu ari mweranda+.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «hagati.»
Canke «musenge.»
Mu giheburayo havuga ngo «warabihora.»
Canke «mumusengere.»