Zaburi 98:1-9

  • Yehova, Umukiza n’Umucamanza agororotse

    • Yehova yaramenyesheje ingene akiza (2, 3)

Ni zaburi. 98  Nimuririmbire Yehova indirimbo nshasha+,kuko yakoze ibintu bitangaje+. Ukuryo kwiwe, ukuboko kwiwe kweranda, kwarokoye abantu biwe*+.   Yehova yamenyekanishije ingene akiza+.Yahishuriye amahanga ubugororotsi bwiwe+.   Yibutse ko yasezeranye gukunda* inzu ya Isirayeli no kutayihemukira+. Isi yose yiboneye ingene Imana yacu irokora abantu bayo*+.   Nimuvugirize impundu Yehova, mwese ababa kw’isi! Nimunezerwe, muvuze impundu kandi muririmbe amashemezo*+.   Nimuririmbire amashemezo Yehova mukoresheje inanga,mukoresheje inanga n’indirimbo ziryoheye ugutwi.   Nimwigine imbere y’Umwami Yehova,mukoresheje inzumbete n’ijwi ry’inzamba+.   Ikiyaga n’ibicuzuye vyose nibituragare.Isi* na yo nyene nituragare n’ibiri muri yo vyose.   Inzuzi nizikome amashi.Imisozi yose hamwe niyihe akaruru k’umunezero+   imbere ya Yehova, kuko agira aze* gucira imanza isi. Azocira imanza isi mu bugororotsi+,acire imanza amahanga mu butungane+.

Utujambo tw'epfo

Canke «kwatumye atsinda.»
Canke «kwereka urukundo rudahera.»
Canke «yiboneye intsinzi y’Imana yacu.»
Canke «kandi mucurarange.»
Canke «isi yimbuka.»
Canke «kuko yaje.»