Zaburi 87:1-7
-
Siyoni, igisagara c’Imana y’ukuri
-
Abavukiye i Siyoni (4-6)
-
Ni indirimbo. Ni zaburi y’abahungu ba Kora+.
87 Umushinge w’igisagara c’Imana uri mu misozi myeranda+.
2 Yehova arakunda amarembo ya Siyoni+kuruta amahema yose ya Yakobo.
3 Bakuvugako ibintu vyiza cane, ewe gisagara c’Imana y’ukuri+! (Sela*)
4 Nzoharura Rahabu+ na Babiloni mu mahanga anzi.Ubufilisitiya, Tiro na Kushi na yo nyene ari mu mahanga anzi.
Abantu bazovuga bati: «Uwu ni ho yavukiye.»
5 Ku vyerekeye Siyoni na ho bazovuga bati:
«Bose ni ho bavukiye.»
Kandi Musumbavyose azohakomeza.
6 Mu kwandika abantu, Yehova azotangaza ati:
«Uwu ni ho yavukiye.» (Sela)
7 Abaririmvyi+ n’abatamvyi*+ bazovuga bati:
«Ivyiza vyose dufise biva iwawe*+.»
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «abatamvyi batambira mu muzingi.»
^ Canke «amasôko yacu yose ava iwawe.»