Zaburi 87:1-7

  • Siyoni, igisagara c’Imana y’ukuri

    • Abavukiye i Siyoni (4-6)

Ni indirimbo. Ni zaburi y’abahungu ba Kora+. 87  Umushinge w’igisagara c’Imana uri mu misozi myeranda+.   Yehova arakunda amarembo ya Siyoni+kuruta amahema yose ya Yakobo.   Bakuvugako ibintu vyiza cane, ewe gisagara c’Imana y’ukuri+! (Sela*)   Nzoharura Rahabu+ na Babiloni mu mahanga anzi.Ubufilisitiya, Tiro na Kushi na yo nyene ari mu mahanga anzi. Abantu bazovuga bati: «Uwu ni ho yavukiye.»   Ku vyerekeye Siyoni na ho bazovuga bati: «Bose ni ho bavukiye.» Kandi Musumbavyose azohakomeza.   Mu kwandika abantu, Yehova azotangaza ati: «Uwu ni ho yavukiye.» (Sela)   Abaririmvyi+ n’abatamvyi*+ bazovuga bati: «Ivyiza vyose dufise biva iwawe*+

Utujambo tw'epfo

Canke «abatamvyi batambira mu muzingi.»
Canke «amasôko yacu yose ava iwawe.»