Zaburi 85:1-13

  • Gusaba kwongera kugirirwa ubuntu

    • Imana izobwira ivy’amahoro intahemuka zayo (8)

    • Urukundo n’ukudahemuka bizonywana (10)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi y’abahungu ba Kora+. 85  Ewe Yehova, waragiriye ubuntu igihugu cawe+.Waragarukanye uruvyaro rwa Yakobo rwari rwaragizwe imbohe+.   Warahariye ikosa ry’abantu bawe,urababarira* ibicumuro vyabo vyose+. (Sela*)   Waratangiriye uburake bwawe bwose,uratsinda ishavu ryawe rirurumba+.   Ewe Mana y’ubukiriro bwacu, subira utugirire ubuntu*,ureke ishavu wari udufitiye+.   None uzoguma udushavuriye ibihe vyose+? Uzogumana ishavu gushika ibihe bidahera*?   None ntuzosubira kuduhembura,kugira ngo abantu bawe tunezerwe kubera wewe+?   Ewe Yehova, nutugirire ubuntu*+kandi uturonse ubukiriro.   Nzokwumviriza ivyo Yehova Imana y’ukuri avuga,kuko azobwira ivy’amahoro abantu biwe+, intahemuka ziwe.Ariko ntibaze basubire kwiyizigira birenze+.   Emwe, yama yiteguriye gukiza abamutinya+,kugira ubuninahazwa bwiwe bube mu gihugu cacu. 10  Urukundo* n’ukudahemuka bizonywana,kandi ubugororotsi n’amahoro bizosomana+. 11  Ukudahemuka kuzonaga mw’isi,kandi ubugororotsi buzoraba kw’isi buri mw’ijuru+. 12  Ni ukuri Yehova azoduha ivyiza*+,kandi igihugu cacu kizotanga umwimbu waco+. 13  Ubugororotsi buzogendera imbere yiwe+,bucire inzira ibirenge vyiwe.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «urapfuka.»
Canke «tugarukane.»
Canke «uko urunganwe rugenda rurakurikirana?»
Canke «nutwereke urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «azotuma turoranirwa.»