Zaburi 85:1-13
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi y’abahungu ba Kora+.
85 Ewe Yehova, waragiriye ubuntu igihugu cawe+.Waragarukanye uruvyaro rwa Yakobo rwari rwaragizwe imbohe+.
2 Warahariye ikosa ry’abantu bawe,urababarira* ibicumuro vyabo vyose+. (Sela*)
3 Waratangiriye uburake bwawe bwose,uratsinda ishavu ryawe rirurumba+.
4 Ewe Mana y’ubukiriro bwacu, subira utugirire ubuntu*,ureke ishavu wari udufitiye+.
5 None uzoguma udushavuriye ibihe vyose+?
Uzogumana ishavu gushika ibihe bidahera*?
6 None ntuzosubira kuduhembura,kugira ngo abantu bawe tunezerwe kubera wewe+?
7 Ewe Yehova, nutugirire ubuntu*+kandi uturonse ubukiriro.
8 Nzokwumviriza ivyo Yehova Imana y’ukuri avuga,kuko azobwira ivy’amahoro abantu biwe+, intahemuka ziwe.Ariko ntibaze basubire kwiyizigira birenze+.
9 Emwe, yama yiteguriye gukiza abamutinya+,kugira ubuninahazwa bwiwe bube mu gihugu cacu.
10 Urukundo* n’ukudahemuka bizonywana,kandi ubugororotsi n’amahoro bizosomana+.
11 Ukudahemuka kuzonaga mw’isi,kandi ubugororotsi buzoraba kw’isi buri mw’ijuru+.
12 Ni ukuri Yehova azoduha ivyiza*+,kandi igihugu cacu kizotanga umwimbu waco+.
13 Ubugororotsi buzogendera imbere yiwe+,bucire inzira ibirenge vyiwe.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «urapfuka.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «tugarukane.»
^ Canke «uko urunganwe rugenda rurakurikirana?»
^ Canke «nutwereke urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «azotuma turoranirwa.»