Zaburi 77:1-20

  • Isengesho mu bihe vy’amaganya

    • Nzozirikana ibikorwa vy’Imana (11, 12)

    • «Ni nde ahambaye nkawe ga Mana?» (13)

Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira ku mudiho wa Yedutuni*. Ni zaburi ya Asafu+. 77  Nzotakambira Imana n’ijwi ryanje.Nzotakambira Imana kandi izonyumviriza+.   Yehova ni we ndondera ku musi w’amaganya+. Mw’ijoro nguma ndugije amaboko ndamusenga, ariko vyanse ko mpozwa.   Iyo nibutse Imana, nca numva agahinda+.Ndabura amahoro, utuguvu tugahera*+. (Sela*)   Utuma ntatora agatiro.Ndahagaritse umutima, sinshobora no kuvuga.   Nguma niyumvira imisi ya kera+,imyaka yo mu gihe ca kera cane.   Mw’ijoro ndibuka indirimbo yanje*+.Ndazirikana mu mutima+,nkarondera nitonze inyishu z’ibi bibazo:   Mbega Yehova azoduta ibihe vyose+? Ntazosubira kutugirira ubuntu+?   Mbega urukundo rwiwe* rwaraheze burundu? None nta n’umwe azokwigera abona iranguka ry’ivyo yasezeranye?   Mbega Imana yaribagiye kutugirira ubuntu+,canke yoba yarahevye kugira imbabazi kubera ishavu? (Sela) 10  Nguma mvuga nti: «Iki ni co kintuntuza*+: Musumbavyose yarahinduye ukuntu adufata.» 11  Nzokwibuka ibikorwa vya Yehova*.Nzokwibuka ibikorwa bitangaje wakoze kera. 12  Nzozirikana ibikorwa vyawe vyose,niyumvire cane ukuntu ukora+. 13  Ewe Mana, inzira zawe ni nyeranda. Ni iyihe mana ihambaye nkawe ga Mana+? 14  Uri Imana y’ukuri, ikora ibintu vy’agatangaza+. Wareretse amahanga ububasha bwawe+. 15  Ukoresheje ububasha* bwawe, wararokoye* abantu bawe+,uruvyaro rwa Yakobo n’urwa Yozefu. (Sela) 16  Ewe Mana, amazi yarakubonye.Amazi yarakubonye arajugumira+, ibenga ry’amazi rirahinda agashitsi. 17  Ibicu vyararekuye amazi menshi. Imituragaro yarasanye mu kirere,imiravyo yawe iranyuragirana nk’imyampi+. 18  Ijwi ry’umuturagaro wawe+ ryari rimeze nk’urwamo rw’amapine y’imikogote.Imiravyo yaramuritse kw’isi yose*+,isi irahinda agashitsi, irajugumira+. 19  Waraciye inzira mu kiyaga+,ibarabara hagati mu mazi menshi,ariko nta wigeze abona aho waciye. 20  Wayoboye abantu bawe nk’ubusho bw’ibitungwa+,ukoresheje* Musa na Aroni+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «impemu zigahera.»
Canke «indirimbo yanje yo ku bicurarangisho vy’imirya.»
Canke «urukundo rwiwe rudahemuka (rudahera).»
Canke «kincumita.»
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»
Mu giheburayo havuga ngo «waracunguye.»
Canke «kw’isi yimbuka.»
Mu giheburayo havuga ngo «biciye ku kuboko kwa.»