Zaburi 77:1-20
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira ku mudiho wa Yedutuni*. Ni zaburi ya Asafu+.
77 Nzotakambira Imana n’ijwi ryanje.Nzotakambira Imana kandi izonyumviriza+.
2 Yehova ni we ndondera ku musi w’amaganya+.
Mw’ijoro nguma ndugije amaboko ndamusenga,
ariko vyanse ko mpozwa.
3 Iyo nibutse Imana, nca numva agahinda+.Ndabura amahoro, utuguvu tugahera*+. (Sela*)
4 Utuma ntatora agatiro.Ndahagaritse umutima, sinshobora no kuvuga.
5 Nguma niyumvira imisi ya kera+,imyaka yo mu gihe ca kera cane.
6 Mw’ijoro ndibuka indirimbo yanje*+.Ndazirikana mu mutima+,nkarondera nitonze inyishu z’ibi bibazo:
7 Mbega Yehova azoduta ibihe vyose+?
Ntazosubira kutugirira ubuntu+?
8 Mbega urukundo rwiwe* rwaraheze burundu?
None nta n’umwe azokwigera abona iranguka ry’ivyo yasezeranye?
9 Mbega Imana yaribagiye kutugirira ubuntu+,canke yoba yarahevye kugira imbabazi kubera ishavu? (Sela)
10 Nguma mvuga nti: «Iki ni co kintuntuza*+:
Musumbavyose yarahinduye ukuntu adufata.»
11 Nzokwibuka ibikorwa vya Yehova*.Nzokwibuka ibikorwa bitangaje wakoze kera.
12 Nzozirikana ibikorwa vyawe vyose,niyumvire cane ukuntu ukora+.
13 Ewe Mana, inzira zawe ni nyeranda.
Ni iyihe mana ihambaye nkawe ga Mana+?
14 Uri Imana y’ukuri, ikora ibintu vy’agatangaza+.
Wareretse amahanga ububasha bwawe+.
15 Ukoresheje ububasha* bwawe, wararokoye* abantu bawe+,uruvyaro rwa Yakobo n’urwa Yozefu. (Sela)
16 Ewe Mana, amazi yarakubonye.Amazi yarakubonye arajugumira+,
ibenga ry’amazi rirahinda agashitsi.
17 Ibicu vyararekuye amazi menshi.
Imituragaro yarasanye mu kirere,imiravyo yawe iranyuragirana nk’imyampi+.
18 Ijwi ry’umuturagaro wawe+ ryari rimeze nk’urwamo rw’amapine y’imikogote.Imiravyo yaramuritse kw’isi yose*+,isi irahinda agashitsi, irajugumira+.
19 Waraciye inzira mu kiyaga+,ibarabara hagati mu mazi menshi,ariko nta wigeze abona aho waciye.
20 Wayoboye abantu bawe nk’ubusho bw’ibitungwa+,ukoresheje* Musa na Aroni+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «impemu zigahera.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «indirimbo yanje yo ku bicurarangisho vy’imirya.»
^ Canke «urukundo rwiwe rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «kincumita.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «waracunguye.»
^ Canke «kw’isi yimbuka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «biciye ku kuboko kwa.»