Zaburi 76:1-12

  • Imana izotsinda abansi ba Siyoni

    • Imana irakiza abantu bitonda (9)

    • Abansi bishima bazocishwa bugufi (12)

Ku mukuru w’abaririmvyi: iyi ndirimbo ikwiye guherekezwa n’ibicurarangisho vy’imirya. Ni zaburi ya Asafu+. 76  Imana irazwi mu Buyuda+.Izina ryayo rirakomeye+ muri Isirayeli.   Ihema ryayo riri i Salemu+,i Siyoni na ho ni ho yibera+.   Aho ni ho yavunaguriye imyampi yaka umuriro,inkinzo n’inkota be n’ibindi birwanisho+. (Sela*)   Ewe Mana, urakayangana cane*.Uratinyitse kuruta imisozi ibamwo ibikoko vyo mw’ishamba.   Abagabo b’intwari baranyazwe urukombamazi+. Barasinziriye mu rupfu,abarwanyi bose vyarabananiye kwirwanira+.   Ewe Mana ya Yakobo, bivuye ku gukankama kwawe,ifarasi n’uwutwara umukogote vyose vyarasinziriye mu rupfu+.   Ni wewe wenyene uteye ubwoba+. Ni nde yokwihanganira ishavu ryawe rikaze+?   Wasomye urubanza uri mw’ijuru+.Isi yaratinye, iguma icereje+   igihe Imana yahaguruka ngo ishitse urubanza,kugira ikize abantu bose bo kw’isi bitonda+. (Sela) 10  Iyo abantu bashavuye, bituma ushemezwa+.Iyo babandanije gushavura na ho, bituma uninahazwa. 11  Nimugirire indagano Yehova Imana yanyu kandi muzishitse+.Abamukikuje bose nibamuzanire amashikanwa n’icubahiro cinshi+. 12  Azocisha bugufi indongozi zishima,atume abami bo kw’isi bagira ubwoba.

Utujambo tw'epfo

Canke «utwikiriwe n’umuco.»