Zaburi 75:1-10

  • Imana ica imanza mu bugororotsi

    • Yehova azohana ababisha (8)

Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Ntuhonye.» Ni zaburi ya Asafu+. 75  Ewe Mana, turagukengurukira, turagukengurukira.Izina ryawe riri hafi yacu+,kandi abantu baratangaza ibikorwa vyawe bitangaje.   Wavuze uti: «Iyo nshinze umwanya wo guca urubanza,ndaruca mu bugororotsi.   Igihe isi n’abayibako bose vyanyiganyiga*,ni jewe nagumije inkingi zayo.» (Sela*)   Abirata ndababwira nti: «Ntimwirate», ababisha na bo nti: «Ntimuhayagize inguvu* zanyu.   Ntimuhayagize cane inguvu zanyucanke ngo muvugane ubwishime.   Kuko ugushirwa hejuru kutavamu buseruko, mu burengero canke mu bumanuko.   Imana ni yo Mucamanza+. Ishira hasi umwe, uwundi ikamushira hejuru+.   Yehova afise igikombe mu kuboko kwiwe.Umuvinyu uri muri co uriko urabira kandi uravanze neza. Emwe, Imana izowusuka,kandi ababisha bose bo kw’isi bazowunywa, n’urukoma* ntibasigaze+   Nayo jewe, nzotangaza ibihe vyose ivyo Imana yakoze.Nzoririmbira amashemezo* Imana ya Yakobo. 10  Kuko ivuga iti: «Nzozimanganya inkomezi* z’ababisha,ariko nzoshira hejuru inkomezi z’abagororotsi.»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «vyashonga.»
Mu giheburayo havuga ngo «ihembe.»
Canke «ibitere», «amacica.»
Canke «nzocurarangira.»
Mu giheburayo havuga ngo «amahembe.»