Zaburi 75:1-10
-
Imana ica imanza mu bugororotsi
-
Yehova azohana ababisha (8)
-
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Ntuhonye.» Ni zaburi ya Asafu+.
75 Ewe Mana, turagukengurukira, turagukengurukira.Izina ryawe riri hafi yacu+,kandi abantu baratangaza ibikorwa vyawe bitangaje.
2 Wavuze uti: «Iyo nshinze umwanya wo guca urubanza,ndaruca mu bugororotsi.
3 Igihe isi n’abayibako bose vyanyiganyiga*,ni jewe nagumije inkingi zayo.» (Sela*)
4 Abirata ndababwira nti: «Ntimwirate»,
ababisha na bo nti: «Ntimuhayagize inguvu* zanyu.
5 Ntimuhayagize cane inguvu zanyucanke ngo muvugane ubwishime.
6 Kuko ugushirwa hejuru kutavamu buseruko, mu burengero canke mu bumanuko.
7 Imana ni yo Mucamanza+.
Ishira hasi umwe, uwundi ikamushira hejuru+.
8 Yehova afise igikombe mu kuboko kwiwe.Umuvinyu uri muri co uriko urabira kandi uravanze neza.
Emwe, Imana izowusuka,kandi ababisha bose bo kw’isi bazowunywa, n’urukoma* ntibasigaze+.»
9 Nayo jewe, nzotangaza ibihe vyose ivyo Imana yakoze.Nzoririmbira amashemezo* Imana ya Yakobo.
10 Kuko ivuga iti: «Nzozimanganya inkomezi* z’ababisha,ariko nzoshira hejuru inkomezi z’abagororotsi.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «vyashonga.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ihembe.»
^ Canke «ibitere», «amacica.»
^ Canke «nzocurarangira.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «amahembe.»