Zaburi 70:1-5

  • Gusaba gutabarwa ningoga

    • «Nyaruka untabare» (5)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi igenewe kwibutsa. 70  Ewe Mana, nundokore.Nyaruka untabare Yehova+.   Abo bose barondera ubuzima bwanje,nibamaramare, barye ivyatsi. Abo bose bahimbarwa n’ivyago vyanje,nibasubire inyuma bishwe n’ibimaramare.   Abo bose bantwengera mw’ijigo, nibasubire inyuma kubera ibimaramare.   Ariko abo bose bakurondera,nibigine, banezerwe kubera wewe+. Ese abakunda ubukiriro utanga bokwama bavuga bati: «Imana nishemezwe!»   Ariko jewe ndi umukene atagira gitabara+.Ewe Mana, nyaruka untabare+. Ni wewe mutabazi wanje n’umurokozi wanje+.Ewe Yehova, nyaruka umfashe+.

Utujambo tw'epfo