Zaburi 7:1-17
-
Yehova ni Umucamanza agororotse
-
«Ewe Yehova, nuncire urubanza» (8)
-
Akaririmbo ko gucura intimba Dawidi yaririmbiye Yehova ku bijanye n’amajambo ya Kushi Umubenyamini.
7 Ewe Yehova Mana yanje, ni wewe mpungirako+.
Nunkize abo bose bampama, untabare+.
2 Ahandiho bohava bantabagura nk’intambwe+,bakagenda baramburuta ata wuri buntabare.
3 Ewe Yehova Mana yanje, nimba ndi mw’ikosa,nimba narakoze ibitabereye,
4 nimba narishuye ikibi uwankoreye iciza+canke nkaba naranyaze umwansi wanje ndamuhoye ubusa*,
5 umwansi wanje rero nankurikire amfate,nankubite hasi amponyange,icubahiro canje akizike mw’ivu. (Sela*)
6 Ewe Yehova, nuhaguruke waratse,urwanye abansi banje banshavuriye+.Niwikangure untabare, usabe ko ubutungane bwubahirizwa+.
7 Amahanga nagukikuze,nawe uyarwanye wibereye iyo hejuru.
8 Yehova azocira urubanza amahanga+.
Ewe Yehova, nuncire urubanza wisunze ubugororotsi bwanje,wisunze ugutungana kwanje+.
9 Ndagusavye urangize ibikorwa vy’ababisha,
ariko ukomeze abagororotsi+,kuko uri Imana igororotse+, isuzuma imitima+ ikamenya n’uko abantu biyumva*+.
10 Imana ni yo nkinzo yanje+, ni yo ikiza abafise umutima ugororotse+.
11 Imana ni Umucamanza agororotse+,kandi iguma itangaza imanza zayo* buri musi.
12 Iyo umuntu yanse kwigaya+, ica ikarisha inkota yayo+,igafora umuheto wayo, ikaguma iwuteguye+.
13 Ica itegura ibirwanisho vyayo vyica,igategura imyampi yayo yaka umuriro+.
14 Uritegereza umuntu yasamye inda y’ibibi.Yibungenga ivyago, akavyara ibinyoma+.
15 Arimba ikinogo, akacimburura gushika kure,ariko ikinogo yimvye ni we nyene akigwamwo+.
16 Ingorane ateza zizomugarukako+,ikibi akora kizogaruka ku gahanga kiwe.
17 Nzohayagiza Yehova kubera ubutungane bwiwe+.Nzoririmbira* izina rya Yehova+ we Musumbavyose+.
Utujambo tw'epfo
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ariko nkareka kwica umwansi wanje ata mvo.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «isuzuma imitima n’amafyigo.»
^ Canke «iguma yiyamiriza abanyakibi.»
^ Canke «nzocurarangira.»