Zaburi 7:1-17

  • Yehova ni Umucamanza agororotse

    • «Ewe Yehova, nuncire urubanza» (8)

Akaririmbo ko gucura intimba Dawidi yaririmbiye Yehova ku bijanye n’amajambo ya Kushi Umubenyamini. 7  Ewe Yehova Mana yanje, ni wewe mpungirako+. Nunkize abo bose bampama, untabare+.   Ahandiho bohava bantabagura nk’intambwe+,bakagenda baramburuta ata wuri buntabare.   Ewe Yehova Mana yanje, nimba ndi mw’ikosa,nimba narakoze ibitabereye,   nimba narishuye ikibi uwankoreye iciza+canke nkaba naranyaze umwansi wanje ndamuhoye ubusa*,   umwansi wanje rero nankurikire amfate,nankubite hasi amponyange,icubahiro canje akizike mw’ivu. (Sela*)   Ewe Yehova, nuhaguruke waratse,urwanye abansi banje banshavuriye+.Niwikangure untabare, usabe ko ubutungane bwubahirizwa+.   Amahanga nagukikuze,nawe uyarwanye wibereye iyo hejuru.   Yehova azocira urubanza amahanga+. Ewe Yehova, nuncire urubanza wisunze ubugororotsi bwanje,wisunze ugutungana kwanje+.   Ndagusavye urangize ibikorwa vy’ababisha, ariko ukomeze abagororotsi+,kuko uri Imana igororotse+, isuzuma imitima+ ikamenya n’uko abantu biyumva*+. 10  Imana ni yo nkinzo yanje+, ni yo ikiza abafise umutima ugororotse+. 11  Imana ni Umucamanza agororotse+,kandi iguma itangaza imanza zayo* buri musi. 12  Iyo umuntu yanse kwigaya+, ica ikarisha inkota yayo+,igafora umuheto wayo, ikaguma iwuteguye+. 13  Ica itegura ibirwanisho vyayo vyica,igategura imyampi yayo yaka umuriro+. 14  Uritegereza umuntu yasamye inda y’ibibi.Yibungenga ivyago, akavyara ibinyoma+. 15  Arimba ikinogo, akacimburura gushika kure,ariko ikinogo yimvye ni we nyene akigwamwo+. 16  Ingorane ateza zizomugarukako+,ikibi akora kizogaruka ku gahanga kiwe. 17  Nzohayagiza Yehova kubera ubutungane bwiwe+.Nzoririmbira* izina rya Yehova+ we Musumbavyose+.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ariko nkareka kwica umwansi wanje ata mvo.»
Canke «isuzuma imitima n’amafyigo.»
Canke «iguma yiyamiriza abanyakibi.»
Canke «nzocurarangira.»