Zaburi 67:1-7

  • Ababa kw’isi yose bazotinya Imana

    • Inzira z’Imana zizomenyekana (2)

    • «Imigwi yose y’abantu nishemeze Imana» (3, 5)

    • «Imana izoduhezagira» (6, 7)

Ku mukuru w’abaririmvyi: iyi ndirimbo ikwiye guherekezwa n’ibicurarangisho vy’imirya. Ni zaburi. 67  Imana izotugirira ubuntu kandi izoduhezagira.Izoturaba ryiza*+, (Sela*)   kugira ngo inzira zayo zimenyekane mw’isi yose+,n’ubukiriro itanga bumenyekane mu mahanga yose+.   Ewe Mana, imigwi y’abantu nigushemeze!Emwe, imigwi yose y’abantu nigushemeze!   Amahanga nanezerwe, avuze impundu+,kuko uzocira imanza imigwi y’abantu mu bugororotsi+. Uzoyobora amahanga yose yo kw’isi. (Sela)   Ewe Mana, imigwi y’abantu nigushemeze!Emwe, imigwi yose y’abantu nigushemeze!   Isi izotanga umwimbu wayo+.Imana, emwe Imana yacu izoduhezagira+.   Imana izoduhezagira,kandi ababa kw’isi yose bazoyitinya*+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «izotuma mu maso hayo hatumurikira.»
Canke «bazoyitera iteka.»