Zaburi 67:1-7
Ku mukuru w’abaririmvyi: iyi ndirimbo ikwiye guherekezwa n’ibicurarangisho vy’imirya. Ni zaburi.
67 Imana izotugirira ubuntu kandi izoduhezagira.Izoturaba ryiza*+, (Sela*)
2 kugira ngo inzira zayo zimenyekane mw’isi yose+,n’ubukiriro itanga bumenyekane mu mahanga yose+.
3 Ewe Mana, imigwi y’abantu nigushemeze!Emwe, imigwi yose y’abantu nigushemeze!
4 Amahanga nanezerwe, avuze impundu+,kuko uzocira imanza imigwi y’abantu mu bugororotsi+.
Uzoyobora amahanga yose yo kw’isi. (Sela)
5 Ewe Mana, imigwi y’abantu nigushemeze!Emwe, imigwi yose y’abantu nigushemeze!
6 Isi izotanga umwimbu wayo+.Imana, emwe Imana yacu izoduhezagira+.
7 Imana izoduhezagira,kandi ababa kw’isi yose bazoyitinya*+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «izotuma mu maso hayo hatumurikira.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «bazoyitera iteka.»