Zaburi 66:1-20
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo. Ni zaburi.
66 Nimuvugirize impundu Imana, mwese ababa kw’isi+!
2 Nimuririmbire amashemezo* izina ryayo rininahaye.
Nimuyininahaze mu kuyishemeza+.
3 Nimubwire Imana muti: «Ese ukuntu ibikorwa vyawe biteye ubwoba+!
Abansi bawe bazojugumira imbere yawe+,kubera ububasha bwawe bwinshi.
4 Ababa kw’isi bose bazokwunamira+.Bazokuririmbira amashemezo,baririmbire amashemezo izina ryawe+.» (Sela*)
5 Nimuze murabe ibikorwa vy’Imana.
Ivyo ikorera abana b’abantu birateye ubwoba+.
6 Ikiyaga yagihinduye isi yumutse+,maze abantu bajabuka uruzi n’amaguru+.
Aho ni ho twanezererewe kubera ivyo yadukoreye+.
7 Iganza ibihe vyose+ kubera ububasha bwayo.
Amaso yayo aguma yihweza amahanga+.
Intagondwa ntizikwiye kwishira hejuru+. (Sela)
8 Nimushemeze Imana yacu, mwa mahanga+.Nimuyishemeze n’ijwi ryumvikana.
9 Ni yo ituzigamira ubuzima+.Ntiyemera ko ikirenge cacu gitsitara*+.
10 Ewe Mana, waradusuzumye+.Waradutyoroye nka kurya batyorora ifeza.
11 Wadushize mu rusenga rw’uruhigi,uturemeka umuzigo uremereye cane.
12 Wararetse abantu baraduhonyanga*.Twaraciye mu muriro no mu mazi,uraheza utuzana ahantu turuhukira.
13 Nzokwinjira mu nzu yawe nitwaje amashikanwa aturirwa uko yakabaye+.Nzoshitsa indagano nagusezeraniye+,
14 izo navuze n’iminwa yanje+,nkazivuga n’akanwa kanje igihe nari mu vyago.
15 Nzogushikanira amashikanwa aturirwa agizwe n’ibitungwa binuzehamwe n’umwotsi w’ibimazi vy’impfizi z’intama.
Nzogushikanira impfizi z’inka n’amasuguru y’impene. (Sela)
16 Yemwe abatinya Imana mwese, nimuze mwumvirizendabiganire ivyiza yankoreye+.
17 Narayihamagaye n’akanwa kanje,nongera ndayihayagiza n’ururimi rwanje.
18 Iyo mba narabitse mu mutima wanje ibintu bibi,Yehova ntiyari kunyumviriza+.
19 Ariko Imana yaranyumvise+,yarateze ugutwi isengesho ryanje+.
20 Imana ishimwe, kuko itirengagije isengesho ryanje,canke ngo ireke kungirira ubuntu*.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «nimucurarangire.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «ducumbagira (tudandabagirana).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «baraduhonyora ku mutwe.»
^ Canke «kunyereka urukundo rudahemuka (rudahera).»