Zaburi 64:1-10

  • Gukingirwa ibitero vyihishije

    • «Imana izobarasa» (7)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi. 64  Ewe Mana, nunyumve iyo ngutakambiye+, unkingire ibitero biteye ubwoba vy’umwansi wanje.   Nunkize imigambi yihishije y’ababisha+,unkize isinzi ry’abantu b’inkozi z’ikibi.   Bakarisha ururimi rwabo nk’inkota,bagatumbereza amajambo yabo mabi nk’imyampi,   kugira barase umuntu w’intungane bari aho binyegeje,bakamurasa giturumbuka ata n’ubwoba.   Bumira ku migambi yabo mibi*,bakumvikana ingene banyegeza imitego yabo, bakavuga ngo: «Ni nde azoyibona+   Baguma biyumvira uburyo bushasha bwo gukora ikibi,bagapanga mu mpisho imigambi yabo y’urwenge+.Biragoye kumenya ivyiyumviro biri mu mitima yabo.   Ariko Imana izobarasa+.Umwampi uzobakomeretsa bukwi na bukwi.   Ururimi rwabo ni rwo ruzotuma batemba+,kandi ababibonye bose bazozunza umutwe.   Maze abantu bose bazotinya,batangaze ivyo Imana yakoze,kandi bazotahura ibikorwa vyayo+. 10  Abagororotsi bazonezerwa kubera Yehova kandi bazohungira kuri we+.Abafise umutima ugororotse bose bazohimbarwa*.

Utujambo tw'epfo

Canke «baremeshanya gukora ikibi.»
Canke «bazokwirata.»