Zaburi 60:1-12
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Ilisi ryo kwibutsa.» Igenewe kwigisha. Ni indirimbo* ya Dawidi, igihe yarwana na Aramu-Naharayimu na Aramu-Zoba, Yowabu na we akagaruka akicira Abanyedomu 12.000 mu mubande w’Umunyu+.
60 Ewe Mana, waradutaye, uradushwiragiza+.
Waradushavuriye, ariko ubu nusubire utwakire.
2 Waranyiganyije isi, urayisatura.
Nuzibire imigaga yayo, kuko iriko irasenyuka.
3 Watumye abantu bawe bashikirwa n’ivyago,
utunywesha umuvinyu utuma tudandabagirana+.
4 Nuhe* ikimenyetso abagutinyakugira bahunge, bazibukire imyampi. (Sela*)
5 Nudukize n’ukuryo kwawe kandi utwishure,kugira ngo abantu bawe wikundira batabarwe+.
6 Mu bweranda* bwayo, Imana yavuze iti:
«Nzokwigina, nzotanga Shekemu nk’intoranwa+,mpimire abantu ikiyaya* ca Sukoti+.
7 Gileyadi ni rwanje kandi na Manase+ ni rwanje.Efurayimu ni inkofero* ikingira umutwe wanje,Yuda na we ni inkoni yanje ya kizigenza+.
8 Mowabu ni ibesani nkarabiramwo+.
Nzoterera ibirato* vyanje kuri Edomu+.
Nzokwigina intsinzi ku Bufilisitiya+.»
9 Ni nde azontwara mu gisagara cugarijwe*?
Ni nde azonjana gushika muri Edomu+?
10 None si wewe ga Mana, wewe wadutaye,Imana yacu itakijana n’ingabo zacu+?
11 Nudutabare mu magorwa yacu,kuko ubukiriro buva ku bantu ata co bumaze+.
12 Imana izoduha inkomezi+,kandi izohonyanga abansi bacu+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «mikitamu.» Raba Insiguro y’amajambo (Mikitamu).
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «warahaye.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «iri mu kibanza ceranda cayo.»
^ Canke «umwonga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «igihome gikomeye.»
^ Canke «isandari.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «gikingijwe impome.»