Zaburi 59:1-17

  • Imana ni inkinzo yanje n’ubuhungiro bwanje

    • «Ntugirire ikigongwe ibihemu» (5)

    • «Nzoririmba inkomezi zawe» (16)

Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Ntuhonye.» Ni indirimbo* ya Dawidi, igihe Sawuli yatuma abantu kurereka inzu ya Dawidi kugira bamwice+. 59  Ewe Mana yanje, nunkize abansi banje+.Nunkingire abampagurukiye kugira bandwanye+.  2  Nunkize inkozi z’ikibi,undokore mu bantu b’ababisha*.  3  Ewe Yehova, ehe banyibundiye+.Abagabo bakomeye bariko barantera,ariko ntibampora kugarariza canke gucumura+.  4  Naho ata kibi nakoze, bariruka bakitegura kugira bantere. Nuhaguruke iyo ngutabaje, urabe ivyo bakora.  5  Kuko uri Imana ya Isirayeli, ewe Yehova+ Mana Nyeningabo. Nuhaguruke uhane amahanga yose. Ntihagire n’umwe ugirira ikigongwe muri abo babisha b’ibihemu+. (Sela*)  6  Bama bagaruka buri mugoroba+.Barakuga* nk’imbwa+, bakazunguruka igisagara+.  7  Raba ibiva* mu kanwa kabo.Iminwa yabo imeze nk’inkota+,kuko bibwira bati: «Hari uwutwumva+?»  8  Ariko wewe ga Yehova, uzobatwenga+.Uzotwengera mw’ijigo amahanga yose+.  9  Ewe nkomezi zanje, nzoguma nguhanze amaso+,kuko uri ubuhungiro bwanje butekanye*, ewe Mana+! 10  Ya Mana y’urukundo* izomfasha+.Imana izotuma nitegereza ugutemba kw’abansi banje+. 11  Ntubice, kugira abantu banje ntibavyibagire. Nubashwiragize ukoresheje ububasha bwawe.Ewe Yehova nkinzo yacu+, nutume batemba. 12  Nibagwe mu mutego kubera ubwishime bwabo+,kubera igicumuro c’akanwa kabo n’amajambo bavuga,kubera imivumo yabo hamwe n’ibinyoma bavuga. 13  Nubatikize warakaye+,ubatikize ntibasubire kubaho,bamenye ko Imana ari yo iganza muri Yakobo no gushika ku mpera y’isi+. (Sela) 14  Nubareke bagaruke ku mugoroba.Bareke bakuge* nk’imbwa, bazunguruke igisagara+. 15  Bareke bayerere barondera ico barya+,ntibigere bahaga canke ngo baronke aho baba. 16  Ariko jewe nzoririmba inkomezi zawe+.Mu gitondo nzovuga mpimbawe ibijanye n’urukundo* rwawe. Kuko uri ubuhungiro bwanje butekanye+n’ahantu mpungira mu bihe vy’amagorwa+. 17  Ewe nkomezi zanje, nzokuririmbira amashemezo*+,kuko uri ubuhungiro bwanje butekanye, ewe Mana inkunda cane*+.

Utujambo tw'epfo

^ Mu giheburayo havuga ngo «mikitamu.» Raba Insiguro y’amajambo (Mikitamu).
^ Canke «banyotewe amaraso.»
^ Canke «barabweja.»
^ Canke «ibidudubiza.»
^ Canke «ahantu hanje hataramutse hatekanye.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «babweje.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «nzogucurarangira.»
^ Canke «inkunda urukundo rudahemuka (rudahera).»