Zaburi 52:1-9
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo* ya Dawidi, igihe Dowegi Umunyedomu yaja kubwira Sawuli ko Dawidi yaje kwa Ahimeleki+.
52 Wa munyenkomezi, kuki wiratira ibikorwa vyawe bibi+?
Urukundo* rw’Imana rwamaho ibihe vyose+.
2 Ururimi rwawe rukarishe nk’urwembe+.Rutegura ibintu bibabaza kandi rukavuga ibinyoma+.
3 Ukunda ikibi kuruta iciza,ugakunda kubesha kuruta kuvuga ukuri. (Sela*)
4 Ewe wa rurimi rubesha,ukunda amajambo ababaza gusa.
5 Ni co gituma Imana izogusiturira hasi rimwe rizima+.Izogucakira igushikure mw’ihema ryawe+,ikurandure mu gihugu c’abazima+. (Sela)
6 Abagororotsi bazobibona batinye cane+,kandi bazogutwenga+, bavuge bati:
7 «Raba umuntu atagize Imana ubuhungiro bwiwe*+,mugabo akizigira ubutunzi bwiwe bwinshi+,akishimira* imigambi yiwe mibi*.»
8 Ariko jewe nzomera nk’igiti c’umwelayo gitotahaye mu nzu y’Imana.Nzokwizigira urukundo* rw’Imana+ gushika ibihe bidahera.
9 Nzogushemeza ibihe vyose kubera wagize ico ukoze+.Imbere y’intahemuka zawe,nzokwizigira izina ryawe+ kuko ari vyiza.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «igihome gikomeye.»
^ Canke «akugama munsi ya.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «amarushwa ateza.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»