Zaburi 52:1-9

  • Kwizigira urukundo rw’Imana

    • Imburi ku biratira ibikorwa vyabo bibi (1-5)

    • Abatubaha Imana bizigira ubutunzi (7)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo* ya Dawidi, igihe Dowegi Umunyedomu yaja kubwira Sawuli ko Dawidi yaje kwa Ahimeleki+. 52  Wa munyenkomezi, kuki wiratira ibikorwa vyawe bibi+? Urukundo* rw’Imana rwamaho ibihe vyose+.   Ururimi rwawe rukarishe nk’urwembe+.Rutegura ibintu bibabaza kandi rukavuga ibinyoma+.   Ukunda ikibi kuruta iciza,ugakunda kubesha kuruta kuvuga ukuri. (Sela*)   Ewe wa rurimi rubesha,ukunda amajambo ababaza gusa.   Ni co gituma Imana izogusiturira hasi rimwe rizima+.Izogucakira igushikure mw’ihema ryawe+,ikurandure mu gihugu c’abazima+. (Sela)   Abagororotsi bazobibona batinye cane+,kandi bazogutwenga+, bavuge bati:   «Raba umuntu atagize Imana ubuhungiro bwiwe*+,mugabo akizigira ubutunzi bwiwe bwinshi+,akishimira* imigambi yiwe mibi*   Ariko jewe nzomera nk’igiti c’umwelayo gitotahaye mu nzu y’Imana.Nzokwizigira urukundo* rw’Imana+ gushika ibihe bidahera.   Nzogushemeza ibihe vyose kubera wagize ico ukoze+.Imbere y’intahemuka zawe,nzokwizigira izina ryawe+ kuko ari vyiza.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «igihome gikomeye.»
Canke «akugama munsi ya.»
Mu giheburayo havuga ngo «amarushwa ateza.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»