Zaburi 46:1-11
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryo hejuru*. Ni indirimbo y’abahungu ba Kora+.
46 Imana ni ubuhungiro bwacu n’inkomezi zacu+.Ni umutabazi yoroshe kuronka mu bihe vy’ivyago+.
2 Ni co gituma tutazotinya, naho isi yohinduka,naho imisozi yosenyukira mu kiyaga+,
3 naho amazi yaco yosuma cane, agasuriranya+,canke imisozi igatigita kubera ugusuriranya kwaco. (Sela*)
4 Hariho uruzi rufise imigezi inezereza igisagara c’Imana+,rya hema ryeranda rihambaye rya Musumbavyose.
5 Imana iri muri ico gisagara+, ntikizokwigera gitemba.
Imana izogitabara guhera mu mutwenzi+.
6 Amahanga yaragiye mu ruhagarara, ubwami buratemba.Imana yaravuze, isi irashonga+.
7 Yehova Nyeningabo ari kumwe natwe+.Imana ya Yakobo ni ubuhungiro bwacu butekanye*. (Sela)
8 Nimuze mwirabire ibikorwa vya Yehova,ingene yakoze ibintu bitangaje kw’isi!
9 Ahagarika intambara kw’isi yose+.
Acagagura imiheto, akavunagura amacumu.Imikogote* y’intambara ayituririra mu muriro.
10 «Nimuteshwe mute, mumenye ko ndi Imana.
Nzoninahazwa mu mahanga yose+,nshirwe hejuru kw’isi yose+.»
11 Yehova Nyeningabo ari kumwe natwe+.Imana ya Yakobo ni ubuhungiro bwacu butekanye+. (Sela)
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «bayiririmbira kuri alamoti.» Raba Insiguro y’amajambo (Alamoti).
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «ahantu hacu hataramutse hatekanye.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «inkinzo.»