Zaburi 45:1-17

  • Ubugeni bw’umwami yarobanuwe

    • «Amajambo y’igikundiro» (2)

    • «Imana ni intebe yawe y’ubwami ibihe vyose» (6)

    • Umwami aripfuza ubwiza bw’umugeni (11)

    • Abahungu bawe bazoba abatware kw’isi yose (16)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo* y’abahungu ba Kora+. Bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Amalisi.» Ni indirimbo y’urukundo. 45  Umutima wanje uraryohewe cane kubera ikintu ciza. Ngira ndirimbe* ivyerekeye umwami+. Ese ururimi rwanje rwoba nk’ikaramu*+ y’umwanditsi* w’umuhanga+.   Ewe mwami, uri mwiza kuruta abandi bantu bose. Amajambo ava mu kanwa kawe ni ay’igikundiro+. Ni co gituma Imana yaguhezagiye ibihe vyose+.   Kenyera inkota yawe+ mu mbavu wa ntwari we+,mw’iteka ryawe n’ubwiza bwawe buhebuje+.   Mu bwiza bwawe buhebuje, nugende ugana ku ntsinzi*+.Gendera kw’ifarasi urwanire ukuri, ukwicisha bugufi n’ubugororotsi+,kandi ukuryo kwawe kuzokora* ibintu biteye akoba.   Imyampi yawe irasongoye kandi ituma amahanga agwa imbere yawe+.Itobekeranya abansi b’umwami mu mitima+.   Imana ni yo ntebe yawe y’ubwami gushika ibihe bidahera+.Agakoni k’ubwami bwawe ni agakoni k’ubutungane*+.   Wakunze ubugororotsi+, wanka ububisha+. Ni co gituma Imana, Imana yawe, yakurobanuje+ amavuta* y’umunezero+ kuruta bagenzawe.   Impuzu zawe zose zimota imira*, ingagari n’umubagabaga.Umuziki w’ibicurarangisho vyo ku kirimba cawe gisharijwe n’amasenge* uraguhimbara.   Abakobwa b’abami bari mu bagore b’iteka bo ku kirimba cawe. Umwamikazi ahagaze iburyo bwawe, yambaye inzahabu z’i Ofiri+. 10  Nyumviriza mukobwa wanje, untege ugutwi.Niwibagire ab’iwanyu hamwe n’inzu ya so wawe. 11  Umwami azoca yipfuza ubwiza bwawe.Numwunamire rero,kuko ari umukama wawe. 12  Abantu b’i Tiro* bazokuzanira ingabire.Abantu batunze cane bazogusaba ngo ubatoneshe. 13  Imbere mu kirimba, umukobwa w’umwami arasayangana.Impuzu ziwe ziriko udusharizo tw’inzahabu. 14  Bazomuzanira umwami yambaye impuzu zijishwe neza*. Abigeme* bamuherekeje bazobazana imbere y’umwami. 15  Bazobazana mu munezero n’akanyamuneza,maze binjire mu kirimba c’umwami. 16  Abahungu bawe bazoja mu kibanza ca ba sokuruza bawe. Uzobagira abatware* kw’isi yose+. 17  Nzomenyekanisha izina ryawe ibihe vyose*+. Ni co gituma amahanga azokuninahaza gushika ibihe bidahera.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
Mu giheburayo havuga ngo «ibikorwa vyanje ni.»
Mu giheburayo havuga ngo «agasaruzo.» Raba Insiguro y’amajambo (Agasaruzo).
Canke «umwimuzi.»
Canke «ku kuroranirwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuzokwigisha.»
Canke «k’ukugororoka.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Imira ni ibintu bimeze nk’uburembo bimota neza. Raba Insiguro y’amajambo.
Amasenge ni amenyo y’ibikoko bimwebimwe nk’inzovu n’ibindi.
Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa w’i Tiro.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «amakanzu adeshwe neza.»
Canke «abakobwa b’isugi.»
Canke «abaganwa.»
Canke «uko urunganwe rukurikira urundi.»