Zaburi 43:1-5

  • Imana ni umucamanza arokora

    • «Rungika umuco wawe n’ukuri kwawe» (3)

    • «Kubera iki nihebuye?» (5)

    • «Nzorindira Imana» (5)

43  Ewe Mana yanje, ncira urubanza+.Nuburane urubanza rwanje+, uburanye ihanga ry’irihemu. Nunkize umuntu w’umubeshi kandi atagororotse.   Kuko uri Imana yanje, uruhome rwanje rukomeye+. Kubera iki wampevye? Kubera iki nogenda mbabaye kubera agacinyizo k’umwansi+?   Nurungike umuco wawe n’ukuri kwawe+. Ese vyoba ari vyo binyobora+,bikanjana ku musozi wawe mweranda no kw’ihema ryawe rihambaye+.   Nzoheza nze ku gicaniro c’Imana+,ku Mana yo gahimbare kanje ntangere. Nzogushemeza Mana, ndaguhaye nkoresheje inanga+, ewe Mana yanje!   Kubera iki nihebuye? Kubera iki nuzuye amaganya? Nzorindira Imana+,kuko nzoguma ndayishemeza nk’Umukiza wanje ahambaye n’Imana yanje+.

Utujambo tw'epfo