Zaburi 43:1-5
43 Ewe Mana yanje, ncira urubanza+.Nuburane urubanza rwanje+, uburanye ihanga ry’irihemu.
Nunkize umuntu w’umubeshi kandi atagororotse.
2 Kuko uri Imana yanje, uruhome rwanje rukomeye+.
Kubera iki wampevye?
Kubera iki nogenda mbabaye kubera agacinyizo k’umwansi+?
3 Nurungike umuco wawe n’ukuri kwawe+.
Ese vyoba ari vyo binyobora+,bikanjana ku musozi wawe mweranda no kw’ihema ryawe rihambaye+.
4 Nzoheza nze ku gicaniro c’Imana+,ku Mana yo gahimbare kanje ntangere.
Nzogushemeza Mana, ndaguhaye nkoresheje inanga+, ewe Mana yanje!
5 Kubera iki nihebuye?
Kubera iki nuzuye amaganya?
Nzorindira Imana+,kuko nzoguma ndayishemeza nk’Umukiza wanje ahambaye n’Imana yanje+.