Zaburi 42:1-11
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo* y’abahungu ba Kora+.
42 Nka kurya impongokazi yipfuza cane imigezi y’amazi,ni ko nanje ndakwipfuza, ewe Mana yanje!
2 Ndanyotewe Imana, ndanyotewe Imana nzima+.
Nzoza ryari ngo nseruke imbere y’Imana+?
3 Amarira ni yo asigaye ari ivyo kurya vyanje ijoro n’umurango.Abantu birirwa barantuka, bambwira ngo: «Imana yawe iri hehe+?»
4 Ibi iyo ndavyibutse nca nsuka ibiri ku mutima wanje.Kera nahora njana n’isinzi ry’abantu,nkagendera imbere yabo buhorobuhoro* tugiye ku nzu y’Imana.Twagenda turavuza urwamo rw’umunezero twongera dushimira Imana,nka kurya kw’isinzi ry’abantu riri mu musi mukuru+.
5 Kubera iki nihebuye+?
Kubera iki nuzuye amaganya?
Nzorindira Imana+,kuko nzoguma ndayishemeza nk’Umukiza wanje ahambaye+.
6 Ewe Mana yanje, ndihebuye+.
Ni co gituma ndakwibuka+ndi mu gihugu ca Yorodani no ku masonga ya Herumoni,ndi ku musozi Mizari*.
7 Ibenga ry’amazi rihamagara irindiiyo ryumvise ijwi ry’amasumo yawe.
Imikuba yawe isuriranya yandengeye+.
8 Ku murango Yehova azonyereka urukundo* rwiwe,mw’ijoro na ho ndamuririmbire, nsenge Imana yampaye ubuzima+.
9 Nzobwira Imana yo gitandara canje nti:
«Kubera iki wanyibagiye+?
Kubera iki nogenda mbabaye kubera agacinyizo k’umwansi+?»
10 Abansi baguma bantuka n’ishavu n’akantu*.Birirwa barantuka, bambwira ngo: «Imana yawe iri hehe+?»
11 Kubera iki nihebuye?
Kubera iki nuzuye amaganya?
Nzorindira Imana+,kuko nzoguma ndayishemeza nk’Umukiza wanje ahambaye n’Imana yanje+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
^ Canke «nkagenda ndashogomanga imbere yabo.»
^ Canke «kuri wa musozi mutoyi.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ukamenga bariko bamenagura amagufa yanje.»