Zaburi 39:1-13

  • Ubuzima ni bugufi

    • Umuntu ameze nk’impemu zitumuka (5, 11)

    • «Ntiwirengagize amarira yanje» (12)

Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira ku mudiho wa Yedutuni*+. Ni zaburi ya Dawidi. 39  Navuze nti: «Nzokwiyubarakugira sincumure n’ururimi rwanje+. Nzokwugara umunwa wanje*+,igihe cose umubisha azoba akiri imbere yanje.»   Nabaye nk’umuragi, nguma ncereje+.Mbere n’ivyiza nta co nabivugako,ariko ububabare bwanje bwari bwinshi*.   Umutima wanje wararurumba* muri jewe. Uko navyiyumvira* ni ko umuriro wabandanya kwaka. Nahavuye ntangura kuvuga nti:   «Ewe Yehova, mfasha menye iherezo ryanje,hamwe n’igitigiri c’imisi yanje+,kugira menye ukuntu ubuzima bwanje ari bugufi*.   Erega watumye imisi yanje iba mike*+.Ikiringo c’ubuzima bwanje ni nk’ubusa imbere yawe+. Emwe, umuntu naho yoba asa n’uwushinze imizi, ni impemu zitumuka gusa+. (Sela*)   Ni ukuri, ubuzima bw’umuntu bumeze nk’igitutu. Yiyahagurira* ubusa gusa. Yirundaniriza ubutunzi atazi n’uwuzoburya+.   None ni igiki nokwitega ga Yehova? Ni wewe gusa nizigiye.   Nunkize ibicumuro vyanje vyose+. Ntureke ngo imburabwenge zinsuzugure.   Nagumye ncereje,sinakurako umunwa+,kuko ivyo vyose ari we watumye biba+. 10  Nunkureko igihano cawe. Ndaremvye kuko ukuboko kwawe kuguma kunkubita. 11  Ukosora umuntu mu kumuhanira ikosa ryiwe+.Umara ibintu vyiwe vy’agaciro nk’agakoko karya impuzu. Emwe, umuntu wese ameze nk’impemu zitumuka+. (Sela) 12  Ewe Yehova, niwumve isengesho ryanje,wumvirize ugutabaza kwanje+. Ntiwirengagize amarira yanje. Kuko ndi kavamahanga gusa kuri wewe+,ingenzi irengana* nka ba sokuruza banje bose+. 13  Nunkureko igitsure cawe, kugira nsubire kunezerwaimbere y’uko nipfira simbe nkiriho.»

Utujambo tw'epfo

Canke «nzoshira ikirumyo ku munwa wanje.»
Canke «ariko ububabare bwanje bwaguma bwongerekana.»
Mu giheburayo havuga ngo «warashuha.»
Canke «naniha.»
Canke «ingene mara akanya gato.»
Mu giheburayo havuga ngo «imparurwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «akomera induru.»
Canke «umwimukira.»