Zaburi 39:1-13
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira ku mudiho wa Yedutuni*+. Ni zaburi ya Dawidi.
39 Navuze nti: «Nzokwiyubarakugira sincumure n’ururimi rwanje+.
Nzokwugara umunwa wanje*+,igihe cose umubisha azoba akiri imbere yanje.»
2 Nabaye nk’umuragi, nguma ncereje+.Mbere n’ivyiza nta co nabivugako,ariko ububabare bwanje bwari bwinshi*.
3 Umutima wanje wararurumba* muri jewe.
Uko navyiyumvira* ni ko umuriro wabandanya kwaka.
Nahavuye ntangura kuvuga nti:
4 «Ewe Yehova, mfasha menye iherezo ryanje,hamwe n’igitigiri c’imisi yanje+,kugira menye ukuntu ubuzima bwanje ari bugufi*.
5 Erega watumye imisi yanje iba mike*+.Ikiringo c’ubuzima bwanje ni nk’ubusa imbere yawe+.
Emwe, umuntu naho yoba asa n’uwushinze imizi, ni impemu zitumuka gusa+. (Sela*)
6 Ni ukuri, ubuzima bw’umuntu bumeze nk’igitutu.
Yiyahagurira* ubusa gusa.
Yirundaniriza ubutunzi atazi n’uwuzoburya+.
7 None ni igiki nokwitega ga Yehova?
Ni wewe gusa nizigiye.
8 Nunkize ibicumuro vyanje vyose+.
Ntureke ngo imburabwenge zinsuzugure.
9 Nagumye ncereje,sinakurako umunwa+,kuko ivyo vyose ari we watumye biba+.
10 Nunkureko igihano cawe.
Ndaremvye kuko ukuboko kwawe kuguma kunkubita.
11 Ukosora umuntu mu kumuhanira ikosa ryiwe+.Umara ibintu vyiwe vy’agaciro nk’agakoko karya impuzu.
Emwe, umuntu wese ameze nk’impemu zitumuka+. (Sela)
12 Ewe Yehova, niwumve isengesho ryanje,wumvirize ugutabaza kwanje+.
Ntiwirengagize amarira yanje.
Kuko ndi kavamahanga gusa kuri wewe+,ingenzi irengana* nka ba sokuruza banje bose+.
13 Nunkureko igitsure cawe, kugira nsubire kunezerwaimbere y’uko nipfira simbe nkiriho.»
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «nzoshira ikirumyo ku munwa wanje.»
^ Canke «ariko ububabare bwanje bwaguma bwongerekana.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «warashuha.»
^ Canke «naniha.»
^ Canke «ingene mara akanya gato.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «imparurwa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «akomera induru.»
^ Canke «umwimukira.»