Zaburi 35:1-28

  • Nunkize abansi banje

    • Abansi bazoshwiragira (5)

    • Gushemeza Imana mw’isinzi ry’abantu (18)

    • «Banyankira ubusa» (19)

Ni zaburi ya Dawidi. 35  Ewe Yehova, nuburanye abamburanya+,urwanye abandwanya+.   Tora inkinzo yawe ntoyi be n’iyagutse+,uhaguruke undwanire+.   Tora icumu ryawe n’ishoka* yawe urwanye abankurikirana+, maze umbwire uti: «Ni jewe bukiriro bwawe+   Ese abahiga ubuzima bwanje bomaramara bagateterwa+! Abarondera kunyica nibasubire inyuma bishwe n’ibimaramare.   Nibamere nk’umuguruka imbere y’umuyaga,umumarayika wa Yehova abashwiragize+.   Inzira yabo nicike umwiza n’ahantu hanyerera,igihe umumarayika wa Yehova ariko arabakurikirana.   Kuko banyegeje urusenga ngo ndarugwemwo bampora ubusa,bakimba ikinogo ngo ndakigwemwo ata co bampora.   Ese ivyago vyobazako giturumbuka,urusenga banyegeje akaba ari bo rufata!Ese borugwamwo bagatikira+!   Ariko jeho nzonezerwa kubera Yehova,mpimbarirwe ubukiriro atanga. 10  Nzovuga n’umutima wanje wose nti: «Ewe Yehova, ni nde ameze nkawe, wewe urokora abagorwa ukabakiza ababarusha inguvu+,umugorwa n’umworo ukabakiza ababanyaga utwabo+ 11  Ivyabona vy’ibinyoma biraza+bikambaza ibintu ntazi. 12  Banyishura ikibi ku ciza+,bigatuma ngira intuntu nyinshi. 13  Igihe bari barwaye, nambara amagunirankongera nkibabaza mu kwisonzesha.Igihe na ho naba nsenze ariko sinishurwe*, 14  nagenda nk’uwugandariye umugenzi canke mwenewacu,nkunama nishwe n’intuntu nk’uwugandariye nyina wiwe. 15  Ariko igihe natsitara, bararyohewe maze bakoranira hamwe.Baragiye hamwe barambundira kugira bantere.Barantabaguye kandi ntibigeze bahora. 16  Abantu batubaha Imana barantwengera mw’ijigo*,bakampekenyera imisaya*+. 17  Ewe Yehova, uzobirabisha amaso gusa gushika ryari+? Nunkize ibitero vyabo+,ubuzima bwanje bw’agaciro ubukure mu vyara vy’intambwe*+. 18  Nzoheza ndagushimire ndi mw’ishengero+ rinini,ndagushemeze ndi mw’isinzi ry’abantu. 19  Ntureke ngo abanyankira ubusa+ banyirateko.Ntureke ngo bavunanire ingohe barondera kungirira nabi+. 20  Kuko batipfuriza abandi amahoro,ahubwo baguma bapanga imigambi yo kugirira nabi abantu bitekaniye+. 21  Barataburura akanwa kugira banyagirize,bakavuga ngo: «Emwe, twavyiboneye!» 22  Ivyo warabibonye, ewe Yehova! Ntugume wihoreye+. Ewe Yehova, ntugume kure yanje+. 23  Vyuka, uhaguruke umburanire.Ewe Mana yanje Yehova, numburanire mu rubanza rwanje! 24  Nuncire urubanza wisunze ubutungane bwawe+, ewe Yehova Mana yanje!Ntureke ngo banyirateko. 25  Ese batokwigera bavuga ngo: «Aho rero! Turaronse ico twarondera!» Ese batokwigera bavuga ngo: «Twamurokeje+ 26  Abo bose banezerwa n’ivyago vyanjenibamaramare barye ivyatsi. Abanyiratako nibambare ibimaramare n’agateterwe. 27  Ariko abahimbarwa n’ubugororotsi bwanje nibanezerwe.Ese bokwama bavuga bati: «Yehova nashemezwe, we ahimbarwa n’uko umusavyi wiwe agira amahoro+ 28  Maze ururimi rwanje ruzovuga* ivy’ubugororotsi bwawe+kandi rugushemeze burinde bwira+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ishoka irimwo zibiri.»
Mu giheburayo havuga ngo «ariko isengesho rikagaruka mu gikiriza canje.»
Canke «amenyo.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «barantwengera mw’ijigo kugira baronke umukate.»
Canke «intambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»
Canke «ruzozirikana.»