Zaburi 3:1-8

  • Niwizigire Yehova naho woba uri mu kaga

    • «Kubera iki abansi babaye benshi?» (1)

    • «Ubukiriro ni ubwa Yehova» (8)

Ni zaburi ya Dawidi, igihe yariko ahunga umuhungu wiwe Abusalomu+. 3  Ewe Yehova, kubera iki abansi banje babaye benshi+? Kubera iki abantu benshi bahagurutse ngo bandwanye+?   Benshi baguma bivugira ngo: «Imana ntizomukiza+.» (Sela*)   Ariko wewe, ewe Yehova, uri inkinzo inkikuje+.Uri ubuninahazwa bwanje+, kandi ni wewe utuma ntekana*+.   Nzosemerera ntabaza Yehova,kandi azonyishura ari ku musozi wiwe mweranda+. (Sela)   Nzoryama nisinzirire,kandi nzokwikangura mu mutekano,kuko Yehova aguma anshigikira+.   Sinzotinya abantu ibihumbi mirongobatonze irya n’ino kugira bandwanye+.   Haguruka Yehova! Nkiza+ Mana yanje! Uzokubita abansi banje bose mu misaya.Uzovunagura amenyo y’ababisha+.   Ubukiriro ni ubwa Yehova+. Umuhezagiro wawe uri ku bantu bawe. (Sela)

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ni wewe uraramura umutwe wanje.»