Zaburi 29:1-11
Ni zaburi ya Dawidi.
29 Nimuhe Yehova ivyo akwiriye, yemwe bana b’abahambaye.Nimuhe Yehova ivyo akwiriye kubera ubuninahazwa bwiwe n’inkomezi ziwe+.
2 Nimuhe Yehova ubuninahazwa bubereye izina ryiwe.
Nimwunamire* Yehova mwambaye ivyambarwa vyeranda*.
3 Ijwi rya Yehova ryumvikana hejuru y’amazi.Ijwi ry’Imana ininahaye riraturagara+.
Yehova ari hejuru y’amazi menshi+.
4 Ijwi rya Yehova rirakomeye+.Ijwi rya Yehova ni agahore.
5 Ijwi rya Yehova rivunagura amasederi.Egome, Yehova amenagura amasederi y’i Libani+.
6 Atuma Libani* yikina amatavu nk’inyana,agatuma Siriyoni+ yikina amatavu nk’ishuri yo mw’ishamba*.
7 Ijwi rya Yehova rirekura imbeya z’umuriro+.
8 Ijwi rya Yehova rituma ubugaragwa bujugumira+.Yehova atuma ubugaragwa bw’i Kadeshi+ bujugumira.
9 Ijwi rya Yehova rituma impongokazi zijugumira zikaramburura,kandi rikokora ikibira kigasigara ari amenya+,
maze ibiri mu rusengero rwiwe vyose bikavuga biti: «Ninahazwa!»
10 Yehova yicaye hejuru y’amazi y’umwuzure*+.Yehova ni Umwami, kandi azoganza gushika ibihe bidahera+.
11 Yehova azoha inkomezi abantu biwe+.
Yehova azohezagira abantu biwe mu kubaha amahoro+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «nimusenge.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuko ubweranda bwiwe bwakaka.»
^ Iryo zina biboneka ko ryerekeza ku runani rw’imisozi ya Libani.
^ Gishobora kuba cari igikoko kigomba kumera nk’imbogo. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «hejuru y’amazi menshi yo mw’ijuru.»