Zaburi 26:1-12

  • Kugendera mu gutungana

    • «Ewe Yehova, nunsuzume» (2)

    • Kwirinda abagenzi babi (4, 5)

    • «Nzozunguruka igicaniro c’Imana» (6)

Ni zaburi ya Dawidi. 26  Ewe Yehova, ncira urubanza kuko nagendeye mu gutungana kwanje+.Ewe Yehova, narakwizigiye ntakekeranya+.   Ewe Yehova, nunsuzume kandi ungeze,utyorore ivyiyumviro vyanje* n’umutima wanje+.   Kuko urukundo* rwawe rwama imbere yanje,kandi nkagendera mu kuri kwawe+.   Sinifatanya* n’ababeshi+,kandi ndirinda abanyegeza ico bari*.   Ndanka kugendana n’inkozi z’ikibi+,kandi sinemera kwifatanya n’ababisha+.   Nzokaraba ibiganza vyanje mu kwerekana ko ndi intungane,kandi nzozunguruka igicaniro cawe, ewe Yehova,   kugira ndagushimire n’ijwi ryumvikana+no kugira menyekanishe ibikorwa bitangaje vyose wakoze.   Yehova, ndakunda inzu ubamwo+,ahantu ubuninahazwa bwawe bwibera+.   Ntunjaniranye n’abacumuzi+canke ngo unyicane n’abantu b’inkozi z’ikibi*, 10  barya bakora ibintu biteye isonikandi amaboko* yabo akaba yuzuyemwo ibiturire. 11  Ariko jewe nzogendera mu gutungana kwanje. Nundokore* kandi ungirire ubuntu. 12  Ikirenge canje gihagaze ahantu haringaniye+.Nzoshemeza Yehova ndi mw’ishengero rinini+.

Utujambo tw'epfo

Canke «inyiyumvo zanje z’ibwina.» Mu giheburayo havuga ngo «amafyigo yanje.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «sinicarana.»
Canke «sinivanga n’indyarya.»
Canke «abantu basesa amaraso.»
Canke «ukuboko kw’ukuryo.»
Mu giheburayo havuga ngo «nuncungure.»