Zaburi 26:1-12
Ni zaburi ya Dawidi.
26 Ewe Yehova, ncira urubanza kuko nagendeye mu gutungana kwanje+.Ewe Yehova, narakwizigiye ntakekeranya+.
2 Ewe Yehova, nunsuzume kandi ungeze,utyorore ivyiyumviro vyanje* n’umutima wanje+.
3 Kuko urukundo* rwawe rwama imbere yanje,kandi nkagendera mu kuri kwawe+.
4 Sinifatanya* n’ababeshi+,kandi ndirinda abanyegeza ico bari*.
5 Ndanka kugendana n’inkozi z’ikibi+,kandi sinemera kwifatanya n’ababisha+.
6 Nzokaraba ibiganza vyanje mu kwerekana ko ndi intungane,kandi nzozunguruka igicaniro cawe, ewe Yehova,
7 kugira ndagushimire n’ijwi ryumvikana+no kugira menyekanishe ibikorwa bitangaje vyose wakoze.
8 Yehova, ndakunda inzu ubamwo+,ahantu ubuninahazwa bwawe bwibera+.
9 Ntunjaniranye n’abacumuzi+canke ngo unyicane n’abantu b’inkozi z’ikibi*,
10 barya bakora ibintu biteye isonikandi amaboko* yabo akaba yuzuyemwo ibiturire.
11 Ariko jewe nzogendera mu gutungana kwanje.
Nundokore* kandi ungirire ubuntu.
12 Ikirenge canje gihagaze ahantu haringaniye+.Nzoshemeza Yehova ndi mw’ishengero rinini+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «inyiyumvo zanje z’ibwina.» Mu giheburayo havuga ngo «amafyigo yanje.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «sinicarana.»
^ Canke «sinivanga n’indyarya.»
^ Canke «abantu basesa amaraso.»
^ Canke «ukuboko kw’ukuryo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nuncungure.»