Zaburi 22:1-31
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Impongokazi yo mu mutwenzi*.» Ni zaburi ya Dawidi.
22 Mana yanje, Mana yanje, kubera iki wampevye+?
Kubera iki utaza kunkiza?Kubera iki utumva amaborogo yanje+?
2 Mana yanje, nguma ngutabaza ku murango ariko ntunyishura+,kandi no mw’ijoro nguma ngutabaza.
3 Ariko wewe uri mweranda+,ukikujwe* n’amashemezo ya Isirayeli.
4 Ba sokuru bacu barakwizigiye+.Barakwizigiye nawe uguma ubakiza+.
5 Barakuririye barakira.Barakwizigiye ntiwabahemukira*+.
6 Ariko jewe ndi umusiba, sindi umuntu.Abantu barantuka* kandi bakansuzugura+.
7 Abambona bose bantwengera mw’ijigo+.Baranyinyirwa bakazunza umutwe, bakavuga ngo+:
8 «Ko yiragije Yehova, namurokore!
Namukize ko wumva amukunda cane+!»
9 Ni wewe wankuye mu nda+,utuma numva ntekaniwe ndi ku mabere ya mama.
10 Wanyitwararitse* kuva nkivuka.Uri Imana yanje kuva nkiri mu nda ya mama.
11 Ntugume kure yanje, kuko ivyago binsugereje+kandi nta wundi mutabazi mfise+.
12 Ishuri nyinshi zankikuje+.Impfizi zikomeye z’i Bashani zanzungurutse+.
13 Zataburuye akanwa ngo zindotse+,nka kurya kw’intambwe iroha iriko itabagura ico yafashe+.
14 Ndiko ndasukwa nk’amazi,amagufa yanje yose yatanye.
Umutima wanje wacitse nk’ishashara+,uriko ushongera muri jewe+.
15 Inguvu zanje zaheze, nsigaye meze nk’urujo+.Ururimi rwanje rwafatanye n’ibinyigishi+.Wantiburiye mu cobo kugira mpfireyo*+.
16 Imbwa zankikuje+,zansatiriye nk’akagwi k’inkozi z’ikibi+,zantonze ku maboko no ku maguru nk’intambwe+.
17 Ndashobora guharura amagufa yanje yose+.
Abansi banje barandaba, bakaguma bankanuriye amaso.
18 Bagabura impuzu zanje,bagapfindira ivyambarwa vyanje+.
19 Ariko wewe ga Yehova, ntugume kure yanje+.
Uri inkomezi zanje; nunyaruke umfashe+.
20 Nunkize inkota,ukure ubuzima bwanje bw’agaciro mu vyara vy’imbwa+.
21 Nunkize akanwa k’intambwe+ n’amahembe y’ishuri zo mw’ishamba*.Nunyishure kandi unkize.
22 Nzomenyesha izina ryawe benewacu+.Nzogushemeza hagati mw’ishengero+.
23 Yemwe abatinya Yehova, nimumushemeze!
Yemwe ruvyaro* rwa Yakobo mwese, nimumuninahaze+!
Nimumutinye, yemwe ruvyaro rwa Isirayeli mwese!
24 Kuko atasuzuguye canke ngo ashishwe n’umubabaro w’uwuriko arahahazwa+,ntiyamuhishije mu maso hiwe+.
Igihe yamutabaza yaramwumvise+.
25 Nzogushemeza mw’ishengero rinini+.Nzoshitsa indagano zanje imbere y’abagutinya.
26 Abitonda bazorya bahage+.Abarondera Yehova bazomushemeza+.
Ese mwokwiberaho* ibihe bidahera!
27 Ababa kw’isi yose bazokwibuka Yehova baze kuri we.
Amahanga yose azokwunama imbere yiwe+.
28 Kuko ubwami ari ubwa Yehova+.Ni we aganza amahanga.
29 Abatunzi* bose bo kw’isi bazorya kandi bamwunamire.Abariko baja mu kuzimu bose bazopfukama imbere yiwe.Nta n’umwe muri bo ashobora kurokora ubuzima bwiwe.
30 Uruvyaro rwabo ruzomukorera.Abazobakomokako bazokwumva ivyerekeye Yehova.
31 Bazoza bavuge ibijanye n’ubugororotsi bwiwe.
Bazobwira abataravuka ivyo yakoze.
Utujambo tw'epfo
^ Bushobora kuba ari ubwoko kanaka bw’umuziki.
^ Canke «uvyagiye mu.»
^ Canke «ntibamaramara.»
^ Canke «baransiga iceyi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «naterewe kuri wewe.»
^ Canke «unshize mu mukungugu w’urupfu.»
^ Bishobora kuba vyari ibikoko bigomba kumera nk’imbogo. Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ese imitima yanyu yokwiberaho.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abavyibushe.»