Zaburi 2:1-12

  • Yehova n’uwo yarobanuje amavuta

    • Yehova atwenga amahanga (4)

    • Yehova yimika umwami wiwe (6)

    • Nimutere iteka uwo mwana (12)

2  Kubera iki amahanga ari mu ruhagarara,n’imigwi y’abantu ikaguma ivugira mu ntamatama* ibitagira akamaro+?  2  Abami b’isi bahagurutse,n’abategetsi bakurubakuru bakoraniye hamwe*+kugira barwanye Yehova n’uwo yarobanuye*+.  3  Bavuga ngo: «Ducagagure iminyororo yabo,dushiburire kure imigozi yabo!»  4  Umwe avyagiye ku ntebe y’ubwami mw’ijuru azobatwenga.Emwe, Yehova azobatwengera mw’ijigo.  5  Ico gihe azobavugisha yashavuye,abatere ubwoba yarunguye n’ishavu,  6  avuge ati: «Ni jewe niyimikiye umwami wanje+kuri Siyoni+, umusozi wanje mweranda.»  7  Ngira ntangaze ingingo ya Yehova.Yambwiye ati: «Uri umwana wanje+.Uyu musi ncitse so wawe+.  8  Nunsabe, nanje nzoguha amahanga abe intoranwa yawe.Nzoguha isi yose ibe rwawe+.  9  Uzoyamenaguza agakoni k’ubwami k’icuma+,uyasavye nk’igikoresho c’ibumba+.» 10  Ubu rero mwa bami, nimwerekane ubwenge*.Nimwemere gukosorwa*, mwa bacamanza bo kw’isi. 11  Nimukorere Yehova kandi mumutinye,munezerwe kandi mujugumire imbere yiwe. 12  Nimutere iteka* uwo mwana+, kugira Imana ntishavuremaze ikabarandura*+,kuko ishavu ryayo rirurumba ningoga. Hahiriwe abo bose bahungira kuri yo.

Utujambo tw'epfo

^ Canke «ikaguma izirikana.»
^ Canke «bagiye inama.»
^ Canke «na Kristu wiwe.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»
^ Canke «kuburirwa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nimusome.»
^ Canke «ikabarandura mu nzira», ni ukuvuga inzira y’ubugororotsi.