Zaburi 17:1-15
Ni isengesho rya Dawidi.
17 Ewe Yehova, niwumve ukuntu ntakamba nsaba ubutungane,utege ugutwi ugutabaza kwanje.Niwumvirize isengesho ndagutuye ata buryarya+.
2 Ese woncira urubanza rugororotse,amaso yawe akabona aho ukuri kuri+.
3 Warasuzumye umutima wanje, uranyihweza mw’ijoro+,urantyorora+.Uzobona ko ata mugambi mubi nigeze ngira,kandi sinzokwigera ncumura n’akanwa kanje.
4 Ku bijanye n’ibikorwa vy’abantu,naririnze inzira z’abambuzi nk’uko wabivuze+.
5 Ese noguma ngendera mu nzira zawekugira ngo ibirenge vyanje ntibitsitare+.
6 Ewe Mana, ndagutabaza kuko nzi ko uzonyishura+.
Nuntege ugutwi*, wumve amajambo yanje+.
7 Niwerekane urukundo* rwawe mu buryo butangaje+,ewe Mukiza w’abarondera guhungira iburyo bwawe,bahunga abakugarariza.
8 Nunkingire nk’imbone y’ijisho ryawe+,umpishe mu gitutu c’amababa yawe+.
9 Nunkingire ababisha bariko barantera,abansi bankikuje bashaka kunyica+.
10 Barabaye ibitimbe,kandi bavugana ubwishime.
11 Ubu rero badukikuje+,baguma barondera akaryo ko kudukubita hasi.
12 Umubisha ameze nk’intambwe igira itabagure ico yafashe,intambwe y’umukangara yabunze kugira icakire ikintu.
13 Haguruka Yehova, uhangane na we+, umutsinde hasi.Nunkize umubisha ukoresheje inkota yawe.
14 Ewe Yehova, nunkize n’ukuboko kwawe,unkize abantu bo muri iyi si ata kindi biteze atari ubu buzima+,barya uronsa ibintu vyizavyiza ku bwinshi+,bagasigira intoranwa abana babo benshi.
15 Ariko jewe nzobona mu maso hawe, kuko ndi umugororotsi.Ndahimbarwa iyo mvyutse nkitegereza ubwiza bwawe*+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «niwuname unyumvirize.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «iyo mvyukiye imbere yawe.»