Zaburi 17:1-15

  • Isengesho ryo gusaba gukingirwa

    • «Warasuzumye umutima wanje» (3)

    • «Numpishe mu gitutu c’amababa yawe» (8)

Ni isengesho rya Dawidi. 17  Ewe Yehova, niwumve ukuntu ntakamba nsaba ubutungane,utege ugutwi ugutabaza kwanje.Niwumvirize isengesho ndagutuye ata buryarya+.   Ese woncira urubanza rugororotse,amaso yawe akabona aho ukuri kuri+.   Warasuzumye umutima wanje, uranyihweza mw’ijoro+,urantyorora+.Uzobona ko ata mugambi mubi nigeze ngira,kandi sinzokwigera ncumura n’akanwa kanje.   Ku bijanye n’ibikorwa vy’abantu,naririnze inzira z’abambuzi nk’uko wabivuze+.   Ese noguma ngendera mu nzira zawekugira ngo ibirenge vyanje ntibitsitare+.   Ewe Mana, ndagutabaza kuko nzi ko uzonyishura+. Nuntege ugutwi*, wumve amajambo yanje+.   Niwerekane urukundo* rwawe mu buryo butangaje+,ewe Mukiza w’abarondera guhungira iburyo bwawe,bahunga abakugarariza.   Nunkingire nk’imbone y’ijisho ryawe+,umpishe mu gitutu c’amababa yawe+.   Nunkingire ababisha bariko barantera,abansi bankikuje bashaka kunyica+. 10  Barabaye ibitimbe,kandi bavugana ubwishime. 11  Ubu rero badukikuje+,baguma barondera akaryo ko kudukubita hasi. 12  Umubisha ameze nk’intambwe igira itabagure ico yafashe,intambwe y’umukangara yabunze kugira icakire ikintu. 13  Haguruka Yehova, uhangane na we+, umutsinde hasi.Nunkize umubisha ukoresheje inkota yawe. 14  Ewe Yehova, nunkize n’ukuboko kwawe,unkize abantu bo muri iyi si ata kindi biteze atari ubu buzima+,barya uronsa ibintu vyizavyiza ku bwinshi+,bagasigira intoranwa abana babo benshi. 15  Ariko jewe nzobona mu maso hawe, kuko ndi umugororotsi.Ndahimbarwa iyo mvyutse nkitegereza ubwiza bwawe*+.

Utujambo tw'epfo

Canke «niwuname unyumvirize.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «iyo mvyukiye imbere yawe.»