Zaburi 149:1-9

  • Indirimbo yo kwigina intsinzi y’Imana

    • Imana irakunda abantu bayo (4)

    • Iteka ryatewe abadahemukira Imana (9)

149  Shemeza Yehova*! Nimuririmbire Yehova indirimbo nshasha+.Nimumushemeze mw’ishengero ry’intahemuka+.   Isirayeli ninezerwe kubera Umuremyi wayo ahambaye+.Abana ba Siyoni nibahimbarwe kubera Umwami wabo.   Nibashemeze izina ryiwe batamba+,bamuririmbire amashemezo* bajanisha n’utugoma n’inanga+.   Kuko Yehova akunda abantu biwe+. Atera iteka abantu bicisha bugufi mu kubarokora+.   Abantu b’intahemuka nibigine ubuninahazwa bwabo.Nibavuze akaruru k’umunezero bari ku bitanda vyabo+.   Nibaririmbe* indirimbo zo gushemeza Imana,batore inkota y’ubugi bubiri mu maboko,   kugira bihore amahangabongere bahane amakungu,   kugira baboheshe iminyororo abami bayo,abanyacubahiro bayo na bo amapingu y’icuma,   no kugira bashitse urubanza baciriwe+. Iryo teka yariteye intahemuka ziwe zose. Shemeza Yehova*!

Utujambo tw'epfo

Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «bamucurarangire.»
Mu giheburayo havuga ngo «imihogo yabo niririmbe.»
Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»