Zaburi 143:1-12
Ni zaburi ya Dawidi.
143 Ewe Yehova, niwumve isengesho ryanje+.Niwumvirize ugutabaza kwanje.
Nunyishure kuko uri umwizigirwa ukaba n’umugororotsi.
2 Ntuburanye umusavyi wawe,kuko ata muntu n’umwe yoba umugororotsi imbere yawe+.
3 Abansi banje baguma bankurikirana.Barankubita hasi bakamponyanga.
Batumye mba mu mwiza nk’abantu bapfuye kera.
4 Inguvu* zanje zamperanye+.Umutima wanje watimvye+.
5 Ndibuka imisi ya kera,nkazirikana ibikorwa vyawe vyose+.Ndihweza* nitonze igikorwa c’amaboko yawe.
6 Ni wewe ndugiriza amaboko.Meze nk’igihugu kigadutse kinyotewe imvura+. (Sela*)
7 Ewe Yehova, nunyishure ningoga+.Inguvu zanje zamperanye+.
Ntumpishe mu maso hawe+,ahandiho noca mera nk’abamanuka mu cobo*+.
8 Nunyumvishe urukundo* rwawe mu gitondo,kuko ari wewe nizigiye.
Numenyeshe inzira nkwiye gucamwo+,kuko ari wewe mpanze amaso ngo unyobore.
9 Ewe Yehova, nunkize abansi banje.
Ni wewe mpungirako+.
10 Nunyigishe gukora ivyo ugomba+,kuko uri Imana yanje.
Impwemu yawe ni nziza.Ese yonyobora mu gihugu c’ubugororotsi*!
11 Ewe Yehova, nunzigame kubera izina ryawe.
Nunkize amagorwa yanje kubera ugororotse+.
12 Nukureho* abansi banje+ kubera urukundo* rwawe.Nutikize abo bose bantoteza+,kuko ndi umusavyi wawe+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «impwemu.»
^ Canke «ndiga.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «mu mva.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «ahantu hashashe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nunumye.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»