Zaburi 142:1-7

  • Gusaba Imana ngo idukize abaduhama

    • «Nta na hamwe mfise mpungira» (4)

    • «Ni wewe gusa mfise» (5)

Ni indirimbo*. Ni isengesho rya Dawidi igihe yari mw’isenga+. 142  Ndatabaza Yehova ngo amfashe+.Ndatakambira Yehova ngo angirire ubuntu.   Ndasuka imbere yiwe ibindaje ishinga.Ni we mbwira amaganya yanje+   igihe umutima wanje udendebukiwe*. Na we araheza akarinda inzira yanje+. Abansi banje banyegeza imitegomu nzira ncamwo.   Itegereze iburyo bwanje urabe!Nta n’umwe anyitaho*+. Nta na hamwe mfise mpungira+.Nta n’umwe ambabaye.   Ewe Yehova, ndagusavye umfashe! Navuze nti: «Uri ubuhungiro bwanje+,ni wewe gusa mfise* mu gihugu c’abazima.»   Niwumve ugutabaza kwanje,kuko ngeze habi cane. Nunkize abampama+,kuko bandusha inguvu.   Nunkure mu gashokugira nshemeze izina ryawe. Ese abagororotsi bonkikuza,kuko ungirira neza.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
Canke «igihe inguvu zimperanye.»
Mu giheburayo havuga ngo «anzi.»
Mu giheburayo havuga ngo «ni wewe mugabane wanje.»