Zaburi 142:1-7
Ni indirimbo*. Ni isengesho rya Dawidi igihe yari mw’isenga+.
142 Ndatabaza Yehova ngo amfashe+.Ndatakambira Yehova ngo angirire ubuntu.
2 Ndasuka imbere yiwe ibindaje ishinga.Ni we mbwira amaganya yanje+
3 igihe umutima wanje udendebukiwe*.
Na we araheza akarinda inzira yanje+.
Abansi banje banyegeza imitegomu nzira ncamwo.
4 Itegereze iburyo bwanje urabe!Nta n’umwe anyitaho*+.
Nta na hamwe mfise mpungira+.Nta n’umwe ambabaye.
5 Ewe Yehova, ndagusavye umfashe!
Navuze nti: «Uri ubuhungiro bwanje+,ni wewe gusa mfise* mu gihugu c’abazima.»
6 Niwumve ugutabaza kwanje,kuko ngeze habi cane.
Nunkize abampama+,kuko bandusha inguvu.
7 Nunkure mu gashokugira nshemeze izina ryawe.
Ese abagororotsi bonkikuza,kuko ungirira neza.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
^ Canke «igihe inguvu zimperanye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «anzi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ni wewe mugabane wanje.»