Zaburi 141:1-10

  • Isengesho ryo gusaba gukingirwa

    • «Isengesho ryanje niribe nk’imibavu» (2)

    • Umugororotsi ankariye yoba ari nk’amavuta ansutseko (5)

    • Ababisha bazogwa mu nsenga zabo bwite (10)

Ni zaburi ya Dawidi. 141  Ewe Yehova, ndagutabaje+. Nunyaruke umfashe+. Nuntege ugutwi iyo ngutabaje+.   Isengesho ryanje niribe nk’imibavu+ iteguwe neza imbere yawe+,ugutakamba* kwanje kube nk’ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba+.   Ewe Yehova, nushireho umurinzi arinda akanwa kanje,ushireho umunyezamu acunga umuryango w’iminwa yanje+.   Ntureke ngo umutima wanje uhengamire ku bintu bibi+,kugira sinifatanye n’ababisha mu bikorwa bibi bakora.Ese ntokwigera mfungura ku vyo kurya vyabo biryoshe!   Hamwe umugororotsi yonkubita, bwoba ari ubuntu* angiriye+.Hamwe yonkosora, yoba ari nk’amavuta ansutse ku mutwe+,ayo umutwe wanje utokwigera wanka+. Naho yoshikirwa n’ivyago nzoguma ndamusengera.   Abacamanza babo bazotererwa mu manga,ariko abantu bazotega ugutwi amajambo yanje, kuko abaryohera.   Kurya kw’umuntu arima agasanza ivu,ni ko n’amagufa yacu yasanzajwe mu kuzimu.   Ariko ni wewe mpanze amaso, ewe Yehova Mukama Segaba+! Ni wewe nahungiyeko. Ntunyake ubuzima.   Nunkingire imitego banteze,undinde imishibuka y’inkozi z’ikibi. 10  Ababisha bose bazogwa mu nsenga zabo bwite+,ariko jewe nzokwirenganira ata nkomanzi.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «ukuduza ibiganza.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»