Zaburi 140:1-13
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.
140 Ewe Yehova, nunkize abantu b’ababisha.Nunkingire abantu b’inkozi z’ikibi+,
2 barya bategura ikibi mu mitima yabo+kandi bakirirwa baratera amatati.
3 Ururimi rwabo rurakomorana* nk’urw’inzoka+,kandi mu kanwa kabo huzuyeyo ubumara bw’imamba+. (Sela*)
4 Ewe Yehova, nunkingire amaboko y’ababisha+.Nundinde abantu b’inkozi z’ikibi,bafise umugambi wo kuntembagaza.
5 Abishira hejuru baranyegeza umutego wo kumfata,bagasanza urusenga iruhande y’inzira+ bakoresheje imigozi.
Barantega imitego+. (Sela)
6 Nabwiye Yehova nti: «Uri Imana yanje.
Ewe Yehova, niwumvirize ugutabaza kwanje+.»
7 Ewe Yehova Mukama Segaba, Mukiza wanje akomeye,ni wewe ukingira umutwe wanje mu gihe c’intambara+.
8 Ewe Yehova, ntuhe ababisha ivyo bipfuza.
Ntureke ngo imigambi yabo mibi iroranirwe, kugira ntibishire hejuru+. (Sela)
9 Ese ibibi bivugwa n’abankikujevyogaruka ku gatwe kabo+!
10 Amakara yaka nabagweko nk’imvura+!
Ese botabwa mu muriro,mu vyobo birebire*+, kugira ntibasubire guhaguruka!
11 Ese abambika ibara abandi batoronka ikibanza kw’isi*+!
Ese ikibi cokurikirana inkozi z’ikibi kikazirandura!
12 Ndazi ko Yehova azoburanira umuntu mutoyikandi agatunganiriza umukene+.
13 Emwe, abantu b’intungane bazoshemeza izina ryawe.Abagororotsi bazokwama imbere yawe+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «rurakarishe.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «mu vyobo birimwo amazi.»
^ Canke «mu gihugu.»

