Zaburi 137:1-9

  • Iruhande y’inzuzi z’i Babiloni

    • Baranse kuririmba indirimbo z’i Siyoni (3, 4)

    • Babiloni izotikizwa (8)

137  Iruhande y’inzuzi z’i Babiloni+ ni ho twari twicaye. Twararize twibutse Siyoni+.   Ku biti* vyaho*ni ho twamanitse inanga zacu+.   Aho ni ho abari batugize imbohe badusavye ngo tubaririmbire+.Abaducokora badusavye ngo tubanezereze, bavuga bati: «Turirimbire indirimbo z’i Siyoni.»   Tworirimba gute indirimbo ya Yehovakandi turi mu mahanga?   Ninakwibagira ga Yeruzalemu,ukuboko kwanje kw’ukuryo kuraca kuba impfagusa*+.   Nintakwibuka ga Yeruzalemu,emwe nintakurutishaibintu vyose bintera umunezero+,ururimi rwanje ruraca rufatana n’amagage.   Ewe Yehova, niwibukeivyo Abanyedomu bavuze umusi Yeruzalemu yatemba. Bavuze bati: «Hasambure! Hasambure gushika ku mushinge+   Ewe gisagara ca Babiloni*, wewe ugiye gutikizwa+,hahiriwe umuntu azoguhembaakagukorera nk’ivyo watugiriye+.   Hahiriwe uwuzofata abana baweakabamenagurira ku bitandara+.

Utujambo tw'epfo

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha ryerekeza ku biti bikunze kuba iruhande y’inzuzi. Mu gifaransa vyitwa peuplier.
Ni ukuvuga i Babiloni.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuraca kwuma.»
Mu giheburayo havuga ngo «ewe mukobwa wa Babiloni.»