Zaburi 137:1-9
137 Iruhande y’inzuzi z’i Babiloni+ ni ho twari twicaye.
Twararize twibutse Siyoni+.
2 Ku biti* vyaho*ni ho twamanitse inanga zacu+.
3 Aho ni ho abari batugize imbohe badusavye ngo tubaririmbire+.Abaducokora badusavye ngo tubanezereze, bavuga bati:
«Turirimbire indirimbo z’i Siyoni.»
4 Tworirimba gute indirimbo ya Yehovakandi turi mu mahanga?
5 Ninakwibagira ga Yeruzalemu,ukuboko kwanje kw’ukuryo kuraca kuba impfagusa*+.
6 Nintakwibuka ga Yeruzalemu,emwe nintakurutishaibintu vyose bintera umunezero+,ururimi rwanje ruraca rufatana n’amagage.
7 Ewe Yehova, niwibukeivyo Abanyedomu bavuze umusi Yeruzalemu yatemba.
Bavuze bati: «Hasambure! Hasambure gushika ku mushinge+!»
8 Ewe gisagara ca Babiloni*, wewe ugiye gutikizwa+,hahiriwe umuntu azoguhembaakagukorera nk’ivyo watugiriye+.
9 Hahiriwe uwuzofata abana baweakabamenagurira ku bitandara+.

