Zaburi 135:1-21
135 Shemeza Yehova*!
Nimushemeze izina rya Yehova.Yemwe basavyi ba Yehova, nimumushemeze+,
2 mwebwe mukorera* mu nzu ya Yehova,mu bigo vy’inzu y’Imana yacu+.
3 Shemeza Yehova* kuko Yehova ari mwiza+.
Nimuririmbire amashemezo* izina ryiwe kuko ari vyiza.
4 Kuko Yehova yitoreye Yakobo,akitorera Isirayeli ngo ibe ihanga ryiwe ridasanzwe*+.
5 Emwe, ndazi neza ko Yehova ahambaye.Umukama wacu arahambaye kuruta izindi mana zose+.
6 Ico Yehova ashatse cose aragikora+,haba mw’ijuru, kw’isi, mu biyaga, mbere no mu kuzimu hose.
7 Atuma ibicu* biduga bivuye ku mpera y’isi.Arungika imiravyo ikazanana n’imvura*,agasohora umuyaga awukuye mu bigega vyiwe+.
8 Yarahoneje imfura zose zo mu Misiri,abantu hamwe n’ibitungwa+.
9 Yakoreye ibimenyetso n’ibitangaro hagati ya Misiri+,kugira ahane Farawo n’abasuku biwe bose+.
10 Yaratikije amahanga menshi+yongera yica abami bakomeye+, ari bo
11 Sihoni umwami w’Abamori+,Ogi umwami wa Bashani+,hamwe n’ubwami bwose bw’i Kanani.
12 Yaratanze igihugu cabo ngo kibe intoranwa,intoranwa y’abantu biwe ari bo Bisirayeli+.
13 Ewe Yehova, izina ryawe ryamaho ibihe vyose.
Ewe Yehova, icubahiro* cawe camaho uko urunganwe* rukurikira urundi+.
14 Yehova azoburanira abantu biwe+kandi azokwumvira ikigongwe abasavyi biwe+.
15 Ibigirwamana vy’amahanga ni ifeza n’inzahabu,kandi vyakozwe n’amaboko y’abantu+.
16 Bifise umunwa ariko ntibivuga+.Bifise amaso ariko ntibibona.
17 Bifise amatwi ariko ntivyumva.
Nta mpemu ziri mu mazuru yavyo+.
18 Ababikora bazomera nka vyo+,eka mbere n’abavyizigira bose+.
19 Ewe nzu ya Isirayeli, shemeza Yehova!
Ewe nzu ya Aroni, shemeza Yehova!
20 Ewe nzu ya Lewi, shemeza Yehova+!
Yemwe abatinya Yehova, nimushemeze Yehova!
21 Ese Yehova yoshemezwa i Siyoni+,we yibera i Yeruzalemu+!
Shemeza Yehova*+!
Utujambo tw'epfo
^ Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Canke «muhagarara.»
^ Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Canke «nimucurarangire.»
^ Canke «ikintu c’agaciro yigabira.»
^ Canke «imyuka.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «akorera ingomero imvura.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «icibutso.»
^ Canke «iyaruka.»
^ Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»

