Zaburi 131:1-3
-
Gutekana nk’umwana w’umucuko
-
Simpahamira ibintu bihanitse (1)
-
Ni indirimbo y’abariko baraduga. Ni zaburi ya Dawidi.
131 Ewe Yehova, umutima wanje ntugira ubwibone,kandi n’amaso yanje ntiyishira hejuru+.Simpahamira ibintu bihanitse+canke ibintu bindengeye.
2 Ahubwo naratururuje umutima wanje uratekana+,nka kurya kw’umwana w’umucuko ari mu maboko ya nyina.Ndatekanye nk’umwana w’umucuko.
3 Isirayeli nirindire Yehova+,kuva ubu no gushika ibihe bidahera.