Zaburi 131:1-3

  • Gutekana nk’umwana w’umucuko

    • Simpahamira ibintu bihanitse (1)

Ni indirimbo y’abariko baraduga. Ni zaburi ya Dawidi. 131  Ewe Yehova, umutima wanje ntugira ubwibone,kandi n’amaso yanje ntiyishira hejuru+.Simpahamira ibintu bihanitse+canke ibintu bindengeye.   Ahubwo naratururuje umutima wanje uratekana+,nka kurya kw’umwana w’umucuko ari mu maboko ya nyina.Ndatekanye nk’umwana w’umucuko.   Isirayeli nirindire Yehova+,kuva ubu no gushika ibihe bidahera.

Utujambo tw'epfo