Zaburi 126:1-6
Ni indirimbo y’abariko baraduga.
126 Igihe Yehova yagarukana abantu b’i Siyoni bagizwe imbohe+,wamengo turiko turarota.
2 Ico gihe twarishwe n’agatwengo,turavuza akaruru k’umunezero+.
Ico gihe abantu bo mu mahanga babwiranye bati:
«Yehova abakoreye ibintu bikomeye+.»
3 Yehova adukoreye ibintu bikomeye+,kandi umunezero uraturenze.
4 Ewe Yehova, nugarukane abantu bacu bagizwe imbohe,ubagarukane nka kurya kw’imigezi y’amazi y’i Negebu*.
5 Ababiba imbuto barira,bazokwimbura banezerewe.
6 Uwusohoka arira,atwaye isaho irimwo imbuto zo kubiba,emwe azogaruka avuza akaruru k’umunezero+,yikoreye imiganda y’ivyo yimbuye+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «nka kurya kw’imyonga yo mu bumanuko.»