Zaburi 126:1-6

  • Umunezero wo kubona Siyoni isubira gutoneshwa

    • «Yehova adukoreye ibintu bikomeye» (3)

    • Ahari amarira hazosigara umunezero (5, 6)

Ni indirimbo y’abariko baraduga. 126  Igihe Yehova yagarukana abantu b’i Siyoni bagizwe imbohe+,wamengo turiko turarota.   Ico gihe twarishwe n’agatwengo,turavuza akaruru k’umunezero+. Ico gihe abantu bo mu mahanga babwiranye bati: «Yehova abakoreye ibintu bikomeye+   Yehova adukoreye ibintu bikomeye+,kandi umunezero uraturenze.   Ewe Yehova, nugarukane abantu bacu bagizwe imbohe,ubagarukane nka kurya kw’imigezi y’amazi y’i Negebu*.   Ababiba imbuto barira,bazokwimbura banezerewe.   Uwusohoka arira,atwaye isaho irimwo imbuto zo kubiba,emwe azogaruka avuza akaruru k’umunezero+,yikoreye imiganda y’ivyo yimbuye+.

Utujambo tw'epfo

Canke «nka kurya kw’imyonga yo mu bumanuko.»