Zaburi 125:1-5
Ni indirimbo y’abariko baraduga.
125 Abizigira Yehova+bameze nk’umusozi Siyoni udashobora kunyiganyizwa.Wamaho ibihe vyose+.
2 Nka kurya nyene imisozi ikikuje Yeruzalemu+,ni ko Yehova akikuje abasavyi biwe+,kuva ubu no gushika ibihe bidahera.
3 Abanyakibi* ntibazoguma baganza igihugu c’abagororotsi+,kugira ngo abagororotsi ntibahave batangura gukora ibibi*+.
4 Ewe Yehova, nugirire neza abantu beza+,abantu bafise umutima ugororotse+.
5 Ariko abakevya bagaca mu nzira zigoramye,Yehova azobarandurana n’inkozi z’ikibi+.
Amahoro nabe kuri Isirayeli!
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «agakoni k’ubwami k’abanyakibi.»
^ Canke «ntibatume amaboko yabo akora ibibi.»