Zaburi 125:1-5

  • Yehova arakingira abasavyi biwe

    • «Nka kurya kw’imisozi ikikuje Yeruzalemu» (2)

    • «Amahoro nabe kuri Isirayeli!» (5)

Ni indirimbo y’abariko baraduga. 125  Abizigira Yehova+bameze nk’umusozi Siyoni udashobora kunyiganyizwa.Wamaho ibihe vyose+.   Nka kurya nyene imisozi ikikuje Yeruzalemu+,ni ko Yehova akikuje abasavyi biwe+,kuva ubu no gushika ibihe bidahera.   Abanyakibi* ntibazoguma baganza igihugu c’abagororotsi+,kugira ngo abagororotsi ntibahave batangura gukora ibibi*+.   Ewe Yehova, nugirire neza abantu beza+,abantu bafise umutima ugororotse+.   Ariko abakevya bagaca mu nzira zigoramye,Yehova azobarandurana n’inkozi z’ikibi+. Amahoro nabe kuri Isirayeli!

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «agakoni k’ubwami k’abanyakibi.»
Canke «ntibatume amaboko yabo akora ibibi.»