Zaburi 122:1-9
Ni indirimbo y’abariko baraduga. Ni zaburi ya Dawidi.
122 Naranezerewe igihe bambwira bati:
«Tuje ku nzu ya Yehova+!»
2 Ubu rero ibirenge vyacu bihagazemu marembo yawe, ewe Yeruzalemu+!
3 Yeruzalemu yubatswe nk’igisagaragifise inyubakwa zifatanye zikanywana+.
4 Imiryango yaraduzeyo,imiryango ya Yehova*yaraduzeyo yisunze ivyibutswa yahaye Isirayeli,kugira ishemeze izina rya Yehova+.
5 Kuko ari ho hari intebe bacirako imanza+,intebe z’ubwami z’abo mu nzu ya Dawidi+.
6 Nimusabire amahoro Yeruzalemu+.
Ese abagukunda bokwiberaho mu mutekano!
7 Amahoro nasasagare mu bisagara vyawe bizitijwe impome,umutekano na wo urangwe mu minara yawe ikomeye!
8 Ku neza ya benewacu na bagenzanje, reka mvuge nti:
«Amahoro nasasagare iwawe!»
9 Ku neza y’inzu ya Yehova Imana yacu+,nzoguma ndakwipfuriza ivyiza.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»