Zaburi 122:1-9

  • Isengesho ryo gusabira amahoro Yeruzalemu

    • Umunezero wo kuja ku nzu ya Yehova (1)

    • Igisagara gifise inyubakwa zifatanye zikanywana (3)

Ni indirimbo y’abariko baraduga. Ni zaburi ya Dawidi. 122  Naranezerewe igihe bambwira bati: «Tuje ku nzu ya Yehova+   Ubu rero ibirenge vyacu bihagazemu marembo yawe, ewe Yeruzalemu+!   Yeruzalemu yubatswe nk’igisagaragifise inyubakwa zifatanye zikanywana+.   Imiryango yaraduzeyo,imiryango ya Yehova*yaraduzeyo yisunze ivyibutswa yahaye Isirayeli,kugira ishemeze izina rya Yehova+.   Kuko ari ho hari intebe bacirako imanza+,intebe z’ubwami z’abo mu nzu ya Dawidi+.   Nimusabire amahoro Yeruzalemu+. Ese abagukunda bokwiberaho mu mutekano!   Amahoro nasasagare mu bisagara vyawe bizitijwe impome,umutekano na wo urangwe mu minara yawe ikomeye!   Ku neza ya benewacu na bagenzanje, reka mvuge nti: «Amahoro nasasagare iwawe!»   Ku neza y’inzu ya Yehova Imana yacu+,nzoguma ndakwipfuriza ivyiza.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»