Zaburi 114:1-8

  • Ingene Imana yakuye Abisirayeli mu Misiri

    • Ikiyaga carahunze (5)

    • Imisozi yarikinye amatavu nk’impfizi z’intama (6)

    • Igitandara c’isare yagihinduye isoko ry’amazi (8)

114  Igihe Isirayeli yava mu Misiri+,igihe inzu ya Yakobo yava mu bantu bavuga ururimi itazi*,   Yuda yacitse ahantu heranda h’Imana,Isirayeli na yo icika akarere iganza+.   Ikiyaga carabibonye gica kirahunga+.Uruzi Yorodani rwaciye rusubira inyuma+.   Imisozi yarikinye amatavu nk’impfizi z’intama+,imitumba yikina amatavu nk’imyagazi y’intama.   Mbega wahunze iki ga wa kiyaga+? Kubera iki wasubiye inyuma ga Yorodani+?   Mwa misozi, kubera iki mwikinye amatavu nk’impfizi z’intama?Namwe mitumba, kubera iki mwikinye amatavu nk’imyagazi y’intama?   Wa si we, nujugumire kubera Umukama,kubera Imana ya Yakobo+,   imwe ihindura igitandara ikidengeri cuzuyemwo amarenga,igitandara c’isare ikagihinduramwo amasoko y’amazi+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ururimi runyamahanga.»