Zaburi 114:1-8
114 Igihe Isirayeli yava mu Misiri+,igihe inzu ya Yakobo yava mu bantu bavuga ururimi itazi*,
2 Yuda yacitse ahantu heranda h’Imana,Isirayeli na yo icika akarere iganza+.
3 Ikiyaga carabibonye gica kirahunga+.Uruzi Yorodani rwaciye rusubira inyuma+.
4 Imisozi yarikinye amatavu nk’impfizi z’intama+,imitumba yikina amatavu nk’imyagazi y’intama.
5 Mbega wahunze iki ga wa kiyaga+?
Kubera iki wasubiye inyuma ga Yorodani+?
6 Mwa misozi, kubera iki mwikinye amatavu nk’impfizi z’intama?Namwe mitumba, kubera iki mwikinye amatavu nk’imyagazi y’intama?
7 Wa si we, nujugumire kubera Umukama,kubera Imana ya Yakobo+,
8 imwe ihindura igitandara ikidengeri cuzuyemwo amarenga,igitandara c’isare ikagihinduramwo amasoko y’amazi+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ururimi runyamahanga.»