Zaburi 112:1-10

  • Umugororotsi aratinya Yehova

    • Uwutanga ingurane azororanirwa (5)

    • «Umugororotsi azokwibukwa ibihe vyose» (6)

    • Uwutanga cane arafasha aboro (9)

112  Shemeza Yehova*+! א [Alefu] Hahiriwe umuntu atinya Yehova+,ב [Beti]agahimbarwa n’amabwirizwa yiwe+. ג [Gimelu]   Abamukomokako bazoba abakomeye kw’isi,ד [Daleti]kandi urunganwe* rw’abagororotsi ruzohezagirwa+. ה [He]   Mu nzu yiwe hari ubutunzi n’ibintu vy’agaciro,ו [Vau]kandi ubugororotsi bwiwe bwamaho ibihe vyose. ז [Zayini]   Amurikira abagororotsi nk’umuco wakira mu mwiza+. ח [Heti] Yuzuye impuhwe* n’imbabazi+ kandi ni umugororotsi. ט [Teti]   Uwutanga ingurane atitangiriye itama* bimugendera neza+. י [Yodi] Ibintu vyiwe vyose abikora mu butungane. כ [Kafu]   Ntazokwigera anyiganyizwa+. ל [Lamedi] Umugororotsi azokwibukwa ibihe vyose+. מ [Memu]   Ntazotinya inkuru mbi+. נ [Nuni] Umutima wiwe urashikamye, kuko yizigira Yehova+. ס [Sameki]   Umutima wiwe ntuhungabana*, ntatinya+.ע [Ayini]Uburuhiro azokwitegereza ugutemba kw’abansi biwe+. פ [Pe]   Aratanga cane*, agafasha aboro+. צ [Tsade] Ubugororotsi bwiwe bwamaho ibihe vyose+. ק [Kofu] Inguvu ziwe zizokwongerekana kandi azoterwa iteka*. ר [Reshi] 10  Umubisha azobibona maze kamurye. ש [Shini] Azohekenya imisaya*, ashire ayonga. ת [Tau] Ivyipfuzo vy’umubisha bizomupfako ubusa+.

Utujambo tw'epfo

Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «iyaruka.»
Canke «ubuntu.»
Canke «abigiranye ubuntu.»
Canke «uratekanye», «uraremye.»
Canke «atitangiriye itama.»
Mu giheburayo havuga ngo «ihembe ryiwe rizoshirwa hejuru mu buninahazwa.»
Canke «amenyo.»