Zaburi 111:1-10

  • Shemeza Yehova kubera ibikorwa vyiwe bitangaje

    • Izina ry’Imana ni ryeranda kandi rirateye akoba (9)

    • Gutinya Yehova ni bwo bukerebutsi (10)

111  Shemeza Yehova*+! א [Alefu] Nzoshemeza Yehova n’umutima wanje wose+ב [Beti]mw’ikoraniro ry’abagororotsi no mw’ishengero. ג [Gimelu]   Ibikorwa vya Yehova birahambaye+.ד [Daleti]Abo bihimbara bose baravyiga+. ה [He]   Igikorwa ciwe kiraninahaye kandi kirateye igomwe.ו [Vau]Ubugororotsi bwiwe bwamaho ibihe vyose+. ז [Zayini]   Atuma ibikorwa vyiwe bitangaje biba intibagirwa+. ח [Heti] Yehova yuzuye impuhwe* n’imbabazi+. ט [Teti]   Aronsa ibifungurwa abamutinya+. י [Yodi] Yama yibuka isezerano ryiwe ibihe vyose+. כ [Kafu]   Yahishuriye abantu biwe ibikorwa vyiwe vy’ububashaל [Lamedi]mu kubaha intoranwa y’amahanga+. מ [Memu]   Ibikorwa vy’amaboko yiwe birangwa n’ukuri n’ubutungane+.נ [Nuni]Ivyagezwe vyiwe vyose ni ivyo kwizigirwa+. ס [Sameki]   Vyama ari ivyo kwizigirwa* gushika ibihe bidahera.ע [Ayini]Bishingiye ku kuri no ku bugororotsi+. פ [Pe]   Yaracunguye abantu biwe+. צ [Tsade] Yashinze ko isezerano ryiwe ryamaho ibihe vyose. ק [Kofu] Izina ryiwe ni ryeranda kandi rirateye akoba+. ר [Reshi] 10  Gutinya Yehova ni yo ntango y’ubukerebutsi+. ש [Sini] Abubahiriza ivyagezwe vyiwe* bose baba berekanye ko babona kure*+. ת [Tau] Arabereye gushemezwa ibihe vyose.

Utujambo tw'epfo

Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «ubuntu.»
Canke «birashimangiye.»
Mu giheburayo havuga ngo «abavyubahiriza.»
Canke «ko bafise ugutahura kwimbitse.»