Zaburi 109:1-31

  • Isengesho ry’umuntu yigorewe

    • «Ibanga ryiwe nirihabwe uwundi» (8)

    • Imana iri ku ruhande rw’umukene (31)

Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi. 109  Ewe Mana nama nshemeza+, ntugume winumiye.   Kuko ababisha n’ababeshi basamye ngo bandotse. Baguma bamvugako ibinyoma+.   Barankikuza bakambwira amajambo y’urwanko,bakandwanya bampora ubusa+.   Ndabakunda ariko bo bakandwanya+,mugabo nguma nsenga.   Banyishura ikibi ku ciza+,ku rukundo na ho bakanyishura urwanko+.   Nugene umubisha kugira aganze umwansi wanje*.Ese uwumurwanya* yohagarara iburyo bwiwe!   Ese yokwagirwa n’icaha* igihe acirwa urubanza,mbere n’isengesho ryiwe rikabonwa nk’igicumuro+!   Imisi yiwe nibe mike+.Ibanga ryiwe ry’ubuhagarikizi* nirihabwe uwundi+.   Abana* biwe nibacike impfuvyi,umugore wiwe na we acike umupfakazi. 10  Abana biwe nibayerere basegerereza,barondere ibifungurwa kure y’amazu yabo yacitse umusaka. 11  Uwumwishuza namutware* ivyo afise vyose,abantu atazi bamunyage ivyo atunze. 12  Ese yobura uwumugirira ubuntu*,kandi ntihaboneke uwugirira ubutoni impfuvyi asize! 13  Ese abamukomokako* borandurwa+,amazina yabo ntiyibukwe n’urunganwe* rukurikira! 14  Yehova niyibuke ikosa rya ba sekuruza biwe+,kandi igicumuro ca nyina nticigere gihanagurwa. 15  Ese Yehova yokwama yibuka ivyo bakoze,akabafuta kw’isi ku buryo ata n’uwusubira kubibuka+! 16  Kuko atigeze yibuka kugira ubuntu*+,ahubwo yagumye ahahaza umuntu yigorewe+, w’umukene kandi yavunitse umutimakugira amwice+. 17  Yarakunda kuvumana, none umuvumo ni wo umushikiye.Ntiyashaka guhezagira abandi, none na we nta muhezagiro aronse. 18  Imivumo yayambara nk’impuzu. Yari ikwiragiye mu mubiri wiwe nk’amazi,no mu magufa yiwe nk’amavuta. 19  Imivumo yiwe nimwizingi⁠re⁠ko nk’impuzu yambara+,imubere nk’umukaba yama akenyeye. 20  Iyo ni yo mpembo Yehova aha uwungwanya+hamwe n’abamvuga nabi bose. 21  Ariko wewe, ewe Yehova Mukama Segaba,numfashe kubera izina ryawe+. Nuntabare, kuko urukundo* rwawe ari rwiza+. 22  Kuko ndi umukene atagira gitabara+kandi umutima wanje warakomeretse+. 23  Ndiko ndahera nk’igitutu gikamangana.Narakunkumuwe nk’uruzige. 24  Amavi yanje yaregeye kubera ukwisonzesha.Nonze, nsigaye ku magufa gusa*. 25  Birirwa barantuka+. Barambona bakazunza umutwe+. 26  Ewe Yehova Mana yanje, nuntabare!Nundokore kubera urukundo* rwawe. 27  Ese bomenya ko ukuboko kwawe ari kwo kwabikoze,ko wewe Yehova, ari wewe wabikoze! 28  Bobo nibavume, ariko wewe uhezagire. Ese bomaramara iyo bampagurukiye!Ariko umusavyi wawe nanezerwe. 29  Abangwanya nibateterwe,bambare ibimaramare nk’ikanzu*+. 30  Akanwa kanje kazoshemeza Yehova cane.Nzomushemeza imbere y’abantu benshi+. 31  Kuko azohagarara iburyo bw’umukene,kugira amukize abamucira rubi.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «kugira amuganze.»
Canke «uwumwagiriza.»
Canke «ese vyoboneka ko ari inkozi y’ikibi.»
Canke «ubucungezi.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Canke «abaguranira kwunguka nibatege imitego.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «iyaruka.»
Canke «uruvyaro rwiwe.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «umubiri wanje wanyunyutse, nta kinure (utuvuta) gisigaye muri wo.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «ikanzu itagira amaboko.»