Zaburi 108:1-13
Ni indirimbo. Ni zaburi ya Dawidi.
108 Ewe Mana, umutima wanje urashikamye.
Nzokuririmbira nongere ngucurarangire n’umutima wanje wose+.
2 Niwikangure wa gicurarangisho c’imirya, na wewe wa nanga+!
Ngira nkangure umutwenzi.
3 Ewe Yehova, nzogushemeza mu makungu.Nzokuririmbira amashemezo* mu mahanga.
4 Kuko urukundo* rwawe ari rwinshi, ni rurerure gushika mw’ijuru+.Ubwizigirwa bwawe bushika hejuru mu bicu.
5 Ewe Mana, nushirwe hejuru y’amajuru.Ese ubuninahazwa bwawe bwokwibonekeza kw’isi yose+!
6 Nudukize n’ukuryo kwawe kandi utwishure*,kugira ngo abantu bawe wikundira batabarwe+.
7 Mu bweranda* bwayo, Imana yavuze iti:
«Nzokwigina, nzotanga Shekemu+ nk’intoranwa,mpimire abantu ikiyaya* ca Sukoti+.
8 Gileyadi+ ni rwanje kandi na Manase ni rwanje.Efurayimu ni inkofero* ikingira umutwe wanje+,Yuda na we ni inkoni yanje ya kizigenza+.
9 Mowabu ni ibesani nkarabiramwo+.
Nzoterera ibirato* vyanje kuri Edomu+.
Nzokwigina intsinzi ku Bufilisitiya+.»
10 Ni nde azontwara mu gisagara gikingijwe ibihome?
Ni nde azonjana gushika muri Edomu+?
11 None si wewe ga Mana, wewe wadutaye,Imana yacu itakijana n’ingabo zacu+?
12 Nudutabare mu magorwa yacu+,kuko ubukiriro buva ku bantu ata co bumaze+.
13 Imana izoduha inkomezi+,kandi izohonyanga abansi bacu+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «nzogucurarangira.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «unyishure.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «iri mu kibanza ceranda cayo.»
^ Canke «umwonga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «igihome gikomeye.»
^ Canke «isandari.»