Zaburi 108:1-13

  • Gusaba Imana ngo idufashe gutsinda abansi

    • Ubukiriro buva ku bantu nta co bumaze (12)

    • «Imana izoduha inkomezi» (13)

Ni indirimbo. Ni zaburi ya Dawidi. 108  Ewe Mana, umutima wanje urashikamye. Nzokuririmbira nongere ngucurarangire n’umutima wanje wose+.   Niwikangure wa gicurarangisho c’imirya, na wewe wa nanga+! Ngira nkangure umutwenzi.   Ewe Yehova, nzogushemeza mu makungu.Nzokuririmbira amashemezo* mu mahanga.   Kuko urukundo* rwawe ari rwinshi, ni rurerure gushika mw’ijuru+.Ubwizigirwa bwawe bushika hejuru mu bicu.   Ewe Mana, nushirwe hejuru y’amajuru.Ese ubuninahazwa bwawe bwokwibonekeza kw’isi yose+!   Nudukize n’ukuryo kwawe kandi utwishure*,kugira ngo abantu bawe wikundira batabarwe+.   Mu bweranda* bwayo, Imana yavuze iti: «Nzokwigina, nzotanga Shekemu+ nk’intoranwa,mpimire abantu ikiyaya* ca Sukoti+.   Gileyadi+ ni rwanje kandi na Manase ni rwanje.Efurayimu ni inkofero* ikingira umutwe wanje+,Yuda na we ni inkoni yanje ya kizigenza+.   Mowabu ni ibesani nkarabiramwo+. Nzoterera ibirato* vyanje kuri Edomu+. Nzokwigina intsinzi ku Bufilisitiya+ 10  Ni nde azontwara mu gisagara gikingijwe ibihome? Ni nde azonjana gushika muri Edomu+? 11  None si wewe ga Mana, wewe wadutaye,Imana yacu itakijana n’ingabo zacu+? 12  Nudutabare mu magorwa yacu+,kuko ubukiriro buva ku bantu ata co bumaze+. 13  Imana izoduha inkomezi+,kandi izohonyanga abansi bacu+.

Utujambo tw'epfo

Canke «nzogucurarangira.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «unyishure.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «iri mu kibanza ceranda cayo.»
Canke «umwonga.»
Mu giheburayo havuga ngo «igihome gikomeye.»
Canke «isandari.»