Zaburi 107:1-43
107 Nimukengurukire Yehova kuko ari mwiza+.Urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+.
2 Abacunguwe* na Yehova nibabivuge,abo yacunguye akabakura mu kuboko* kw’umwansi+,
3 abo yegeranije abakuye mu bihugu bitandukanye+,abakuye mu buseruko no mu burengero,mu buraruko no mu bumanuko+.
4 Barayerereye mu gahinga, mu bugaragwa.Barabuze inzira yobajana mu gisagara bobamwo.
5 Barakubiswe n’inzara n’inyota,uburuhe buhakwa kubica.
6 Bagumye batakambira Yehova mu maganya yabo+,na we arabakura mu vyago barimwo+.
7 Araheza abacisha mu nzira nziza+,kugira bashike mu gisagara bari kubamwo+.
8 Abantu nibakengurukire Yehova+ kubera urukundo* rwiweno kubera ibikorwa bitangaje akorera abana b’abantu+!
9 Kuko yamaze inyota abanyotewe,agahaza ivyiza abashonje+.
10 Hari abari babayeho mu mwiza w’umuzitanya,imbohe zariko zibabarizwa mu minyororo.
11 Kuko bari bagararije ijambo ry’Imana,bagasuzugura impanuro ya Musumbavyose+.
12 Yarabacishije bugufi mu kubareka barashikirwa n’imibabaro+.Baratsitaye ariko babura uwubatabara.
13 Baratakambiye Yehova mu maganya yabo,na we arabakura mu vyago barimwo.
14 Yabakuye mu mwiza w’umuzitanya,acagagura iminyororo yari ibaboshe+.
15 Abantu nibakengurukire Yehova kubera urukundo* rwiwe+no kubera ibikorwa bitangaje akorera abana b’abantu!
16 Kuko yamenaguye imiryango y’umujumpu,akavunagura ivyugazo vy’icuma+.
17 Babaye ibijuju kandi barikwegeye imibabaro+kubera ivyaha vyabo n’amakosa yabo+.
18 Nta gifungurwa na kimwe bari bacipfuza.Bagarukiye ku cobo.
19 Baratakambira Yehova mu maganya yabo,na we akabakura mu vyago barimwo.
20 Yararungika ijambo ryiwe akabakiza+,akabakura mu cobo bari bakorokeyemwo.
21 Abantu nibakengurukire Yehova kubera urukundo* rwiweno kubera ibikorwa bitangaje akorera abana b’abantu!
22 Nibamushikanire ibimazi vyo gukenguruka+,kandi batangaze ibikorwa vyiwe biha akaruru k’umunezero.
23 Abagira ingendo mu kiyaga bari mu mato*,bagakorera urudandaza rwabo ku mazi menshi+,
24 barabonye ibikorwa vya Yehovan’ibintu bitangaje yaremye biri mu kiyaga+.
25 Barabonye ingene avuga rimwe hagaca haduka igihuhusi+,maze kikaduza ibisebuzi vy’ikiyaga.
26 Baraduga bagashika kw’ijurubakongera bakamanuka gushika epfo ibwina.
Baratekerwa n’ubwoba kubera bageramiwe cane.
27 Barafatwa n’ibizunguzungu, bakadandabagirana nk’imborerwakandi ubuhanga bwabo bwose nta na kimwe bubamarira+.
28 Baratakambira Yehova mu maganya yabo+,na we akabakura mu vyago barimwo.
29 Aratururuza igihuhusimaze ibisebuzi vy’ikiyaga bigatekana+.
30 Baranezerwa babonye ibisebuzi bitekanye,na we akabayobora ku kivuko bipfuza.
31 Abantu nibakengurukire Yehova kubera urukundo* rwiweno kubera ibikorwa bitangaje akorera abana b’abantu+!
32 Nibamuhayagize mw’ishengero ry’abantu+,bamushemeze abashingantahe bakoranye*!
33 Ahindura inzuzi ubugaragwa,amasoko y’amazi akayahindura ahantu hagadutse+,
34 ahantu hamera akahahindura isi y’umunyu+kubera ububisha bw’abantu bahaba.
35 Ahindura ubugaragwa ibidengeri vyuzuyemwo amarenga,ahantu humye akahahindura amasoko y’amazi+.
36 Atuma abantu bashonje biberayo+,ku buryo bahubaka igisagara babamwo+.
37 Bararima imirima, bagatera imizabibu+kandi bakimbura umwimbu mwinshi+.
38 Arabahezagira bakagwira cane,kandi ntareka ngo inka zabo zigabanuke+.
39 Ariko barongera kugabanuka, bagaca bugufikubera agahahazo, ivyago n’intuntu.
40 Asuzugura abanyacubahiro,agatuma bayerera mu gahinga katagiramwo inzira+.
41 Ariko akingira* abakene agahahazo+,agatuma imiryango yabo igwira nk’ubusho bw’ibitungwa.
42 Abagororotsi barabibona bakanezerwa+,ariko abanyakibi ntibasubira gukurako umunwa+.
43 Umunyabwenge wese azokwihweza ivyo bintu+,kandi azozirikana yitonze ibikorwa vya Yehova biranga urukundo*+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «abarokowe.»
^ Canke «mu bubasha.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «mu meri.» Imeri ni ubwato bunini.
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bicaye.»
^ Canke «ashira hejuru.» Ni ukuvuga ahantu ata wobashikira.
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»