Zaburi 107:1-43

  • Nimukengurukire Imana kubera ibikorwa vyayo bitangaje

    • Yabacishije mu nzira nziza (7)

    • Yarabamaze inyota n’inzara (9)

    • Yarabakuye mu mwiza (14)

    • Yararungitse ijambo ryayo irabakiza (20)

    • Irakingira abakene agahahazo (41)

107  Nimukengurukire Yehova kuko ari mwiza+.Urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+.   Abacunguwe* na Yehova nibabivuge,abo yacunguye akabakura mu kuboko* kw’umwansi+,   abo yegeranije abakuye mu bihugu bitandukanye+,abakuye mu buseruko no mu burengero,mu buraruko no mu bumanuko+.   Barayerereye mu gahinga, mu bugaragwa.Barabuze inzira yobajana mu gisagara bobamwo.   Barakubiswe n’inzara n’inyota,uburuhe buhakwa kubica.   Bagumye batakambira Yehova mu maganya yabo+,na we arabakura mu vyago barimwo+.   Araheza abacisha mu nzira nziza+,kugira bashike mu gisagara bari kubamwo+.   Abantu nibakengurukire Yehova+ kubera urukundo* rwiweno kubera ibikorwa bitangaje akorera abana b’abantu+!   Kuko yamaze inyota abanyotewe,agahaza ivyiza abashonje+. 10  Hari abari babayeho mu mwiza w’umuzitanya,imbohe zariko zibabarizwa mu minyororo. 11  Kuko bari bagararije ijambo ry’Imana,bagasuzugura impanuro ya Musumbavyose+. 12  Yarabacishije bugufi mu kubareka barashikirwa n’imibabaro+.Baratsitaye ariko babura uwubatabara. 13  Baratakambiye Yehova mu maganya yabo,na we arabakura mu vyago barimwo. 14  Yabakuye mu mwiza w’umuzitanya,acagagura iminyororo yari ibaboshe+. 15  Abantu nibakengurukire Yehova kubera urukundo* rwiwe+no kubera ibikorwa bitangaje akorera abana b’abantu! 16  Kuko yamenaguye imiryango y’umujumpu,akavunagura ivyugazo vy’icuma+. 17  Babaye ibijuju kandi barikwegeye imibabaro+kubera ivyaha vyabo n’amakosa yabo+. 18  Nta gifungurwa na kimwe bari bacipfuza.Bagarukiye ku cobo. 19  Baratakambira Yehova mu maganya yabo,na we akabakura mu vyago barimwo. 20  Yararungika ijambo ryiwe akabakiza+,akabakura mu cobo bari bakorokeyemwo. 21  Abantu nibakengurukire Yehova kubera urukundo* rwiweno kubera ibikorwa bitangaje akorera abana b’abantu! 22  Nibamushikanire ibimazi vyo gukenguruka+,kandi batangaze ibikorwa vyiwe biha akaruru k’umunezero. 23  Abagira ingendo mu kiyaga bari mu mato*,bagakorera urudandaza rwabo ku mazi menshi+, 24  barabonye ibikorwa vya Yehovan’ibintu bitangaje yaremye biri mu kiyaga+. 25  Barabonye ingene avuga rimwe hagaca haduka igihuhusi+,maze kikaduza ibisebuzi vy’ikiyaga. 26  Baraduga bagashika kw’ijurubakongera bakamanuka gushika epfo ibwina. Baratekerwa n’ubwoba kubera bageramiwe cane. 27  Barafatwa n’ibizunguzungu, bakadandabagirana nk’imborerwakandi ubuhanga bwabo bwose nta na kimwe bubamarira+. 28  Baratakambira Yehova mu maganya yabo+,na we akabakura mu vyago barimwo. 29  Aratururuza igihuhusimaze ibisebuzi vy’ikiyaga bigatekana+. 30  Baranezerwa babonye ibisebuzi bitekanye,na we akabayobora ku kivuko bipfuza. 31  Abantu nibakengurukire Yehova kubera urukundo* rwiweno kubera ibikorwa bitangaje akorera abana b’abantu+! 32  Nibamuhayagize mw’ishengero ry’abantu+,bamushemeze abashingantahe bakoranye*! 33  Ahindura inzuzi ubugaragwa,amasoko y’amazi akayahindura ahantu hagadutse+, 34  ahantu hamera akahahindura isi y’umunyu+kubera ububisha bw’abantu bahaba. 35  Ahindura ubugaragwa ibidengeri vyuzuyemwo amarenga,ahantu humye akahahindura amasoko y’amazi+. 36  Atuma abantu bashonje biberayo+,ku buryo bahubaka igisagara babamwo+. 37  Bararima imirima, bagatera imizabibu+kandi bakimbura umwimbu mwinshi+. 38  Arabahezagira bakagwira cane,kandi ntareka ngo inka zabo zigabanuke+. 39  Ariko barongera kugabanuka, bagaca bugufikubera agahahazo, ivyago n’intuntu. 40  Asuzugura abanyacubahiro,agatuma bayerera mu gahinga katagiramwo inzira+. 41  Ariko akingira* abakene agahahazo+,agatuma imiryango yabo igwira nk’ubusho bw’ibitungwa. 42  Abagororotsi barabibona bakanezerwa+,ariko abanyakibi ntibasubira gukurako umunwa+. 43  Umunyabwenge wese azokwihweza ivyo bintu+,kandi azozirikana yitonze ibikorwa vya Yehova biranga urukundo*+.

Utujambo tw'epfo

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «abarokowe.»
Canke «mu bubasha.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «mu meri.» Imeri ni ubwato bunini.
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «bicaye.»
Canke «ashira hejuru.» Ni ukuvuga ahantu ata wobashikira.
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»