Zaburi 102:1-28

  • Isengesho ry’umuntu ahahazwa

    • «Meze nk’akanyoni kari konyene» (7)

    • «Imisi yanje imeze nk’igitutu kiriko kirazimangana» (11)

    • «Yehova azosubira kwubaka Siyoni» (16)

    • Yehova yamaho ibihe vyose (26, 27)

Isengesho ry’umuntu ahahazwa, igihe yihebuye* maze agasuka amaganya yiwe imbere ya Yehova+. 102  Ewe Yehova, niwumve isengesho ryanje+.Ugutabaza kwanje nikugushikire+.   Ntumpishe mu maso hawe igihe ndi mu magorwa+. Nuntege ugutwi*,unyishure ningoga iyo ngutabaje+.   Kuko imisi yanje itumuka nk’umwotsi,kandi amagufa yanje ariko araka nk’umuriro+.   Umutima wanje umeze nk’ivyatsi vyakabiranye+,kuko nsigaye nibagira no gufungura.   Ndaboroga cane kubera umubabaro+ku buryo amagufa yanje afatana n’inyama+.   Nsigaye nsa n’inyanana yo mu bugaragwa.Meze nk’agahuna gatoyi kari mu bihomvagurike.   Singitora agatiro*.Nsigaye meze nk’akanyoni kari konyene ku gisenge c’inzu+.   Abansi banje birirwa barantuka+. Abancokora* bakoresha izina ryanje nk’umuvumo.   Umunyota usigaye ari wo mukate wanje+,kandi ivyo nywa ndabivanga n’amosozi+ 10  kubera ishavu ryawe n’uburake bwawe,kuko wanshize hejuru kugira gusa unte kure. 11  Imisi yanje imeze nk’igitutu kiriko kirazimangana*+,kandi ndiko nduma nk’ivyatsi+. 12  Ariko wewe wamaho ibihe vyose, ewe Yehova+!Izina* ryawe rizokwamaho uko urunganwe* ruzokurikira urundi+. 13  Emwe, uzohaguruka ugirire imbabazi Siyoni+,kuko hageze ko uyigirira ubuntu+.Igihe washinze cageze+. 14  Kuko abasavyi bawe bahimbarwa n’amabuye yaho+,bagakunda cane n’ivu ryaho+. 15  Amahanga azotinya izina rya Yehova,kandi abami bose bo kw’isi bazotinya ubuninahazwa bwiwe+. 16  Kuko Yehova azosubira kwubaka Siyoni+.Azokwerekana ubuninahazwa bwiwe+. 17  Azokwumviriza amasengesho y’abakene+.Ntazosuzugura amasengesho yabo+. 18  Ibi vyandikiwe urunganwe ruzoza+,kugira ngo abantu bataravuka* baze bashemeze Yehova*. 19  Kuko Yehova araba hasi yibereye hejuru ahantu hiwe heranda+,akitegereza isi yibereye mw’ijuru, 20  kugira yumve amarira y’imbohe+no kugira abohore abaciriwe urwo gupfa+, 21  maze izina rya Yehova ritangazwe i Siyoni+n’ubuninahazwa bwiwe i Yeruzalemu, 22  igihe amahanga n’ubwamibizoba bikoraniye hamwe kugira bisenge* Yehova+. 23  Yatwaye inguvu zanje hataragera,agabanya imisi yanje yo kubaho. 24  Navuze nti: «Ewe Mana yanje,wewe wamaho uko urunganwe rukurikira urundi+,ntunkureho ikiringo canje co kubaho kigeze hagati! 25  Washizeho umushinge w’isi kuva kera cane,kandi amaboko yawe ni yo yaremye ijuru+. 26  Ivyo bizovaho ariko wewe uzokwamaho.Vyose bizohera nka kurya kw’ivyambarwa. Uzobisubiriza nka kurya kw’impuzu kandi bizozimangana. 27  Ariko wewe ntiwigera uhinduka, n’imyaka yawe ntiyigera ihera+. 28  Abana b’abasavyi bawe bazokwiberaho mu mutekano,kandi uruvyaro rwabo ruzotsimbatara imbere yawe+

Utujambo tw'epfo

Canke «yadendebukiwe.»
Canke «niwuname unyumvirize.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nsigaye ku magufa gusa.»
Canke «abamfata nk’ikijuju.»
Canke «igitutu kirehutse.»
Canke «iyaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «icibutso.»
Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «batararemwa.»
Canke «bikorere.»