Zaburi 102:1-28
Isengesho ry’umuntu ahahazwa, igihe yihebuye* maze agasuka amaganya yiwe imbere ya Yehova+.
102 Ewe Yehova, niwumve isengesho ryanje+.Ugutabaza kwanje nikugushikire+.
2 Ntumpishe mu maso hawe igihe ndi mu magorwa+.
Nuntege ugutwi*,unyishure ningoga iyo ngutabaje+.
3 Kuko imisi yanje itumuka nk’umwotsi,kandi amagufa yanje ariko araka nk’umuriro+.
4 Umutima wanje umeze nk’ivyatsi vyakabiranye+,kuko nsigaye nibagira no gufungura.
5 Ndaboroga cane kubera umubabaro+ku buryo amagufa yanje afatana n’inyama+.
6 Nsigaye nsa n’inyanana yo mu bugaragwa.Meze nk’agahuna gatoyi kari mu bihomvagurike.
7 Singitora agatiro*.Nsigaye meze nk’akanyoni kari konyene ku gisenge c’inzu+.
8 Abansi banje birirwa barantuka+.
Abancokora* bakoresha izina ryanje nk’umuvumo.
9 Umunyota usigaye ari wo mukate wanje+,kandi ivyo nywa ndabivanga n’amosozi+
10 kubera ishavu ryawe n’uburake bwawe,kuko wanshize hejuru kugira gusa unte kure.
11 Imisi yanje imeze nk’igitutu kiriko kirazimangana*+,kandi ndiko nduma nk’ivyatsi+.
12 Ariko wewe wamaho ibihe vyose, ewe Yehova+!Izina* ryawe rizokwamaho uko urunganwe* ruzokurikira urundi+.
13 Emwe, uzohaguruka ugirire imbabazi Siyoni+,kuko hageze ko uyigirira ubuntu+.Igihe washinze cageze+.
14 Kuko abasavyi bawe bahimbarwa n’amabuye yaho+,bagakunda cane n’ivu ryaho+.
15 Amahanga azotinya izina rya Yehova,kandi abami bose bo kw’isi bazotinya ubuninahazwa bwiwe+.
16 Kuko Yehova azosubira kwubaka Siyoni+.Azokwerekana ubuninahazwa bwiwe+.
17 Azokwumviriza amasengesho y’abakene+.Ntazosuzugura amasengesho yabo+.
18 Ibi vyandikiwe urunganwe ruzoza+,kugira ngo abantu bataravuka* baze bashemeze Yehova*.
19 Kuko Yehova araba hasi yibereye hejuru ahantu hiwe heranda+,akitegereza isi yibereye mw’ijuru,
20 kugira yumve amarira y’imbohe+no kugira abohore abaciriwe urwo gupfa+,
21 maze izina rya Yehova ritangazwe i Siyoni+n’ubuninahazwa bwiwe i Yeruzalemu,
22 igihe amahanga n’ubwamibizoba bikoraniye hamwe kugira bisenge* Yehova+.
23 Yatwaye inguvu zanje hataragera,agabanya imisi yanje yo kubaho.
24 Navuze nti: «Ewe Mana yanje,wewe wamaho uko urunganwe rukurikira urundi+,ntunkureho ikiringo canje co kubaho kigeze hagati!
25 Washizeho umushinge w’isi kuva kera cane,kandi amaboko yawe ni yo yaremye ijuru+.
26 Ivyo bizovaho ariko wewe uzokwamaho.Vyose bizohera nka kurya kw’ivyambarwa.
Uzobisubiriza nka kurya kw’impuzu kandi bizozimangana.
27 Ariko wewe ntiwigera uhinduka, n’imyaka yawe ntiyigera ihera+.
28 Abana b’abasavyi bawe bazokwiberaho mu mutekano,kandi uruvyaro rwabo ruzotsimbatara imbere yawe+.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «yadendebukiwe.»
^ Canke «niwuname unyumvirize.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «nsigaye ku magufa gusa.»
^ Canke «abamfata nk’ikijuju.»
^ Canke «igitutu kirehutse.»
^ Canke «iyaruka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «icibutso.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «batararemwa.»
^ Canke «bikorere.»