Yosuwa 5:1-15

  • Abisirayeli bagenyerwa i Gilugali (1-9)

  • Bahimbaza Pasika. Manu ntiyasubiye kuboneka (10-12)

  • Umukuru w’ingabo za Yehova (13-15)

5  Abami bose b’Abamori+ bo mu burengero bwa Yorodani* n’abami bose b’Abanyakanani+ b’iruhande y’ikiyaga, bakimara kwumva ko Yehova yakamije amazi ya Yorodani imbere y’Abisirayeli gushika bajabutse, imitima ibavamwo*+. Bacika intege* kubera Abisirayeli+. 2  Ico gihe Yehova abwira Yosuwa ati: «Nukore imbugita mw’ibuye ry’isare, ugenyere*+ Abisirayeli ubugira kabiri.» 3  Nuko Yosuwa akora izo mbugita mw’ibuye ry’isare, agenyera Abisirayeli i Gibeyati-Araloti*+. 4  Iki ni co catumye Yosuwa abagenyera: abantu bose b’igitsina-gabo bavuye mu Misiri, ni ukuvuga abaja mu rugamba* bose, bari bapfiriye mu bugaragwa mu rugendo bagize bavuye mu Misiri+. 5  Abavuye mu Misiri bose bari baragenyerewe, mugabo abavukiye mu bugaragwa bose mu rugendo bagize bavuye mu Misiri ntibari bwagenyerwe. 6  Abisirayeli bari bamaze imyaka 40+ bagendagenda mu bugaragwa, gushika ihanga ryose rihonye, ni ukuvuga abaja mu rugamba bavuye mu Misiri batumviye Yehova+. Yehova yari yarabarahiye ko atobaretse ngo babone igihugu+ Yehova yari yararahiye ba sekuruza ko azokiduha+, igihugu gitemba amata n’ubuki+. 7  Yaciye abasubiriza abahungu babo+. Abo ni bo Yosuwa yagenyereye, kuko batigeze bagenyerwa igihe bari ku rugendo. 8  Abagabo bose bamaze kugenyerwa, Abisirayeli baguma aho bakambitse gushika bakize. 9  Maze Yehova abwira Yosuwa ati: «Uyu musi ndabakuyeko* akagaye* k’Abanyamisiri.» Aho hantu rero baca bahita Gilugali*+ gushika n’uyu musi. 10  Abisirayeli baguma bakambitse i Gilugali, maze ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa mbere+ ku mugoroba, bahimbaza Pasika* mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko. 11  Bukeye baraye bahimbaje Pasika, kuri uwo musi nyene batangura kurya ivyo bimbuye muri ico gihugu, barya udutsima tutarimwo umwambiro+ n’intete zikaranze. 12  Bamaze kurya ivyo bimbuye muri ico gihugu, bukeye bwaho manu ntiyasubira kuboneka. Abisirayeli ntibongera kuronka manu+, mugabo batangura kurya ivyo bimbuye mu gihugu ca Kanani muri uwo mwaka+. 13  Nuko Yosuwa ari hafi ya Yeriko, arunamura amaso maze abona umugabo+ ahagaze imbere yiwe, yasokoye inkota ayifise mu kuboko+. Yosuwa aca aja iyo ari amubaza ati: «Uri ku ruhande rwacu canke uri ku ruhande rw’abaturwanya?» 14  Nya mugabo amwishura ati: «Oya, ahubwo nje nk’umukuru* w’ingabo za Yehova+.» Yosuwa aca aramwunamira, mu maso hiwe hashika hasi, amubaza ati: «Databuja, ni igiki wipfuza kumbwira jewe umusavyi wiwe?» 15  Nya mukuru w’ingabo za Yehova amwishura ati: «Kura ibirato*, kuko ahantu uhagaze ari heranda.» Yosuwa aca arabikura+.

Utujambo tw'epfo

^ Mu giheburayo havuga ngo «ku ruhande rwa Yorodani ruri amaja ku kiyaga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imitima yabo yaciye ishonga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nta mpwemu zari zikiri muri bo.»
^ Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
^ Iryo zina risobanura ngo «agasozi k’udushato tw’abagenyerewe.»
^ Canke «abari bafise imyaka yo kuja mu gisoda.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ntembagaje.»
^ Canke «agacokoro», «iceyi.»
^ Iryo zina risobanura ngo «gutembagaza» canke «gutembagariza kure.»
^ Canke «umuganwa.»
^ Canke «isandari.»