Yobu 42:1-17
42 Maze Yobu yishura Yehova ati:
2 «Ubu rero ndamenye ko ushobora vyose,ko ata kintu na kimwe ushatse gukora kikunanira+.
3 Wabajije uti: “Uwo ni nde atora amahinyu umugambi wanje, akavuga ibintu atazi+?”
Ni vyo naravuze, ariko navuze ntatahuraibintu vy’agatangaza bindengeye, ibintu ntazi+.
4 Wavuze uti: “Umviriza, nanje mvuge.
Ngira nkubaze, nawe unyishure+.”
5 Nahora numva ivyawe ku matwi gusa,ariko ubu ndakwiboneye n’amaso yanje.
6 Ni co gituma nicujije ku vyo navuze*+,ndigaye mu kwikumbagaza mu mukungugu no mu minyota+.»
7 Yehova amaze kubwira Yobu ayo majambo, Yehova abwira Elifazi w’i Temani ati:
«Ndagushavuriye cane, mwe na bagenzawe babiri+, kuko mutavuze ukuri ku binyerekeye+. Ntimwavuze nk’umusavyi wanje Yobu.
8 Ubu rero nimutore impfizi z’inka indwi n’impfizi z’intama indwi, mugende ku musavyi wanje Yobu, mushikane ikimazi giturirwa. Umusavyi wanje Yobu araza kubasengera+. Ndaheza nemere isengesho ryiwe, sindabakorere ibihuye n’ubupfu bwanyu, kuko mutavuze ukuri ku binyerekeye. Ntimwavuze nk’umusavyi wanje Yobu.»
9 Elifazi w’i Temani, Biludadi w’i Shuhi na Zofari w’i Nayama baca baja kwa Yobu nk’uko Yehova yabibategetse. Yehova araheza yemera isengesho rya Yobu.
10 Yobu amaze gusengera bagenziwe+, Yehova aca amukura mu ngorane yarimwo+, amusubiza n’ubutunzi bwiwe. Yehova amusubiza ivyo yari atunze vyose abigwije kabiri+.
11 Benewabo bose na bashikiwe bose n’abahora ari abagenzi biwe+ bose baza iwe, maze basangirira ibifungurwa mu nzu iwe. Batangura kumuhoza no kumuremesha ku vyago vyose Yehova yari yaretse bikamushikira. Umwe wese amuha amahera* n’impeta y’inzahabu.
12 Maze Yehova ahezagira Yobu mu nyuma kuruta uko yari yamuhezagiye ubwa mbere+. Yobu agira intama 14.000, ingamiya 6.000, inka 2.000 n’indogobwa zivyara 1.000+.
13 Avyara n’abandi bahungu indwi hamwe n’abandi bakobwa batatu+.
14 Umukobwa wa mbere amwita Yemima, uwa kabiri Keziya, uwa gatatu na we Kereni-Hapuki.
15 Mu gihugu cose, nta bagore banganya ubwiza n’abakobwa ba Yobu. Se araheza abaha intoranwa hamwe na basaza babo.
16 Inyuma y’ivyo Yobu abaho imyaka 140, abona abana biwe n’abuzukuru biwe gushika ku runganwe* rugira kane.
17 Amaherezo Yobu arapfa, apfa ari umutama ahimbawe*.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «nisubiyeko.»
^ Mu giheburayo ni «kesita.» Ni amahera yakoreshwa kera, mugabo agaciro kayo ntikazwi.
^ Canke «iyaruka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yisaziye kandi ahaze imisi.»