Yobu 37:1-24

  • Inguvu ziri mu bidukikije zirerekana ko Imana ikomeye cane (1-24)

    • Imana irashobora guhagarika ibikorwa vy’abantu (7)

    • «Zirikana ibikorwa bitangaje vy’Imana» (14)

    • Abantu ntibashobora gutahura Imana (23)

    • Nta muntu akwiye kwiyumvira ko ari umunyabwenge (24)

37  Ndavyiyumviriye umutima wanje urasimba,ukadidagizwa ukava mu kibanza cawo.   Nimwumvirize neza ukwasirana kw’ijwi ryayo,n’umuturagaro uva mu kanwa kayo.   Ukwasana kwayo kwumvikana munsi y’ijuru hose,umuravyo wayo+ ugashika ku mpera y’isi.   Inyuma y’aho ijwi rica risamirana.Iraturagara n’ijwi rikomeye+,kandi uwo muravyo ntuhagarara naho ijwi ryayo riba ryumvikanye.   Ijwi ry’Imana rituragara+ mu buryo butangaje.Ikora ibintu bikomeye tudashobora gutahura+.   Kuko ibwira urubura* iti: “Gwa kw’isi+!” Igategeka imvura iti: “Gwa ku bwinshi+!”   Imana ihagarika ibikorwa vy’abantu bose*kugira ngo umuntu wese amenye igikorwa cayo.   Ibikoko vyo mw’ishamba binyegera mu myobo yavyokandi bikigumira aho vyibera.   Umuyaga urahuhuta uvuye mu kibanza cawo+,imbeho na yo ikazanwa n’imiyaga yo mu buraruko+. 10  Impemu z’Imana zituma haboneka ibibarafu+,amazi yo mu nzuzi na yo agafatana, akamera nk’ibuye+. 11  Ituma ibicu biremera kubera ubukanye,igatuma imiravyo yayo+ irabagiza mu bicu. 12  Birazunguruka bikaja iyo ibirungitse,bigashitsa ivyo ibitegetse vyose+ kw’isi*. 13  Ivyo irabigira kugira ihane abantu+ canke kugira ivomere isi,canke kugira yerekane urukundo* rwayo+. 14  Umviriza Yobu.Tekana, uzirikane witonze ibikorwa bitangaje vy’Imana+. 15  Mbega urazi ingene Imana iyobora* ibicu?Canke urazi ingene ituma imiravyo irabiriza mu bicu? 16  Urazi ingene ibicu vyenena mu kirere+? Ivyo ni ibikorwa bitangaje vy’umwe afise ubumenyi butagira agahaze+. 17  Urazi igituma impuzu zawe zishuhaigihe isi iba itekanye kubera umuyaga wo mu bumanuko+? 18  Mbega woshobora gufadikanya na yo mu gusanza* ijuru+,rigakomera nk’icirore c’icuma? 19  Tumenyeshe ivyo twoyibwira.Ntidushobora kuyishura kuko turi mu mwiza. 20  Mbega irakeneye uwuyibwira ko nshaka kuvuga? Canke irakeneye kumenyeshwa ivyo umuntu yavuze+? 21  Nta n’ubwo abantu bashobora kubona umuco*naho ukayangana kw’ijuru,kiretse haje umuyaga ugatwara ibicu biwukingiriye. 22  Ubwiza bwakaka nk’inzahabu buzanana mu buraruko.Icubahiro c’Imana+ kirateye ubwoba. 23  Ntidushobora gutahura Mushoboravyose+.Ububasha bwiwe burarenze+,kandi ntiyigera agoreka ubutungane bwiwe+ n’ubugororotsi bwiwe bwinshi+. 24  Abantu rero bakwiye kumutinya+. Ntiyigera atonesha abigira abanyabwenge*+

Utujambo tw'epfo

Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Mu giheburayo havuga ngo «ishira ikidodo ku maboko y’abantu bose.»
Canke «isi yimbuka.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «itegeka.»
Canke «guhondagura.»
Ni ukuvuga umuco w’izuba.
Mu giheburayo havuga ngo «inkerebutsi mu mutima wabo.»