Yobu 37:1-24
37 Ndavyiyumviriye umutima wanje urasimba,ukadidagizwa ukava mu kibanza cawo.
2 Nimwumvirize neza ukwasirana kw’ijwi ryayo,n’umuturagaro uva mu kanwa kayo.
3 Ukwasana kwayo kwumvikana munsi y’ijuru hose,umuravyo wayo+ ugashika ku mpera y’isi.
4 Inyuma y’aho ijwi rica risamirana.Iraturagara n’ijwi rikomeye+,kandi uwo muravyo ntuhagarara naho ijwi ryayo riba ryumvikanye.
5 Ijwi ry’Imana rituragara+ mu buryo butangaje.Ikora ibintu bikomeye tudashobora gutahura+.
6 Kuko ibwira urubura* iti: “Gwa kw’isi+!”
Igategeka imvura iti: “Gwa ku bwinshi+!”
7 Imana ihagarika ibikorwa vy’abantu bose*kugira ngo umuntu wese amenye igikorwa cayo.
8 Ibikoko vyo mw’ishamba binyegera mu myobo yavyokandi bikigumira aho vyibera.
9 Umuyaga urahuhuta uvuye mu kibanza cawo+,imbeho na yo ikazanwa n’imiyaga yo mu buraruko+.
10 Impemu z’Imana zituma haboneka ibibarafu+,amazi yo mu nzuzi na yo agafatana, akamera nk’ibuye+.
11 Ituma ibicu biremera kubera ubukanye,igatuma imiravyo yayo+ irabagiza mu bicu.
12 Birazunguruka bikaja iyo ibirungitse,bigashitsa ivyo ibitegetse vyose+ kw’isi*.
13 Ivyo irabigira kugira ihane abantu+ canke kugira ivomere isi,canke kugira yerekane urukundo* rwayo+.
14 Umviriza Yobu.Tekana, uzirikane witonze ibikorwa bitangaje vy’Imana+.
15 Mbega urazi ingene Imana iyobora* ibicu?Canke urazi ingene ituma imiravyo irabiriza mu bicu?
16 Urazi ingene ibicu vyenena mu kirere+?
Ivyo ni ibikorwa bitangaje vy’umwe afise ubumenyi butagira agahaze+.
17 Urazi igituma impuzu zawe zishuhaigihe isi iba itekanye kubera umuyaga wo mu bumanuko+?
18 Mbega woshobora gufadikanya na yo mu gusanza* ijuru+,rigakomera nk’icirore c’icuma?
19 Tumenyeshe ivyo twoyibwira.Ntidushobora kuyishura kuko turi mu mwiza.
20 Mbega irakeneye uwuyibwira ko nshaka kuvuga?
Canke irakeneye kumenyeshwa ivyo umuntu yavuze+?
21 Nta n’ubwo abantu bashobora kubona umuco*naho ukayangana kw’ijuru,kiretse haje umuyaga ugatwara ibicu biwukingiriye.
22 Ubwiza bwakaka nk’inzahabu buzanana mu buraruko.Icubahiro c’Imana+ kirateye ubwoba.
23 Ntidushobora gutahura Mushoboravyose+.Ububasha bwiwe burarenze+,kandi ntiyigera agoreka ubutungane bwiwe+ n’ubugororotsi bwiwe bwinshi+.
24 Abantu rero bakwiye kumutinya+.
Ntiyigera atonesha abigira abanyabwenge*+.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ishira ikidodo ku maboko y’abantu bose.»
^ Canke «isi yimbuka.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «itegeka.»
^ Canke «guhondagura.»
^ Ni ukuvuga umuco w’izuba.
^ Mu giheburayo havuga ngo «inkerebutsi mu mutima wabo.»