Yobu 12:1-25
12 Maze Yobu yishura ati:
2 «Emwe, womenga ni mwe mufise ubwenge mwenyene*,kandi womenga buzojana namwe nimwapfa!
3 Erega nanje ndafise ubwenge*.
Nta na kimwe mundushije.
Ivyo ni nde atabizi?
4 Nsigaye ndi agatwengo kuri bagenzanje+,kuko ntakambira Imana ngo inyishure+.
Umuntu w’umugororotsi kandi w’intungane asigaye ari agatwengo.
5 Abihiririwe barasuzugura ivyago,bakibaza ngo bishikira abigorewe* gusa.
6 Amahema y’abasuma aratekanye+,kandi abasomborotsa Imana bibereye mu mahoro+,bamwe bagendana imana zabo mu ntoke.
7 Ariko ndakwinginze ubaze ibikoko, na vyo bizokwigisha.Nubaze inyoni zo mu kirere, na zo zizokubwira.
8 Niwihweze isi*, na yo izokwigisha,canke wihweze amafi yo mu kiyaga, na yo azobikubwira.
9 Mbega muri ivyo vyose,hari ikitazi ko ukuboko kwa Yehova ari kwo kwabikoze?
10 Ubuzima bw’ibintu vyose buri mu kuboko kwiwe,mbere n’impwemu* z’abantu bose+.
11 Mbega ugutwi ntigusuzuma amajambonka kurya ururimi* ruhonja ibifungurwa+?
12 Mbega ubukerebutsi ntibubarizwa mu basaza+,n’ugutegera kukaba mu bafise imyaka myinshi?
13 Imana ni yo ifise ubukerebutsi n’ubushobozi+.Ni yo ifise impanuro n’ugutegera+.
14 Ico isambuye nta wusubira kucubaka+,kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura.
15 Iyo igumije amazi, ibintu vyose bica vyuma+.Iyo iyarungitse na ho, isi yose ica irengerwa+.
16 Ni yo ifise inguvu n’ubukerebutsi nyabwo+.Uwuzimira n’uwuzimiza bose ni abayo.
17 Ituma abajanama bagenda ibirenge bisa*,igatuma abacamanza bamera nk’abasazi+.
18 Ibohora imigozi abami babohesha abantu+,igaca ibohera umukaba mu kiyunguyungu c’abo bami.
19 Ituma abaherezi bagenda ibirenge bisa+,igatembagaza abatsimbataye ku butegetsi+.
20 Yaka ijambo abahanuzi b’abizigirwa,abatama* na bo ikabaka ugutahura.
21 Isuzugura abanyacubahiro+,igatuma abanyenkomezi bagoyagoya*.
22 Ihishura ibintu vyimbitse ibikuye mu mwiza+,ikazana ku muco ibintu vyari mu mwiza w’umuzitanya.
23 Ituma amahanga aba ayakomeye kugira iyarandure,igatuma akarere kayo kaguka kugira iyatware mu bunyagano.
24 Ikuraho ubwenge* bw’abatware,igatuma bayerera mu gahinga katagiramwo inzira+.
25 Barakabakaba mu mwiza+, ahantu hatagira umuco.Ituma bagenda barayerera nk’imborerwa+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «ni mwe muri abantu.»
^ Canke «ugutegera.» Mu giheburayo havuga ngo «umutima.»
^ Canke «abadashikamye», «abanyerera.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «nuvugane n’isi.»
^ Canke «impemu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «amagage.»
^ Canke «bambuwe ivyabo vyose.»
^ Canke «abakurambere.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «igatuburura umukaba w’abantu bakomakomeye.»
^ Canke «ugutegera.» Mu giheburayo havuga ngo «umutima.»

